YouVersion Logo
Search Icon

Mika 4

4
Umusozi w’Uhoraho
1Mu misi y’iherezo
umusozi uriko ingoro y’Uhoraho uzoba ushimangiwe
nk’umusozi usumba iyindi yose;
uzoshirwa hejuru usumbe udusozi twose;
kandi amoko azohondogana aja kuri wo.
2Amahanga menshi azoza avuge ati:
“Nimuze tuduge tuje ku musozi w’Uhoraho,
mu ngoro y’Imana ya Yakobo.
Izotwigisha inzira zayo
kugira ngo tuzigenderemwo.”
Kuko i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe,
ijambo ry’Uhoraho rive i Yerusalemu.
3Azocira imanza amoko menshi
atature amatati hagati y’amahanga akomeye ya kure.
Inkota zabo bazozicuramwo amasuka,
amacumu yabo bayacuremwo imihoro.
Nta hanga rizosubira gutera irindi,
kandi ntibazosubira kwiga ivy’intambara.
4Umuntu wese azokwicara musi y’umuzabibu wiwe
no musi y’umusukoni wiwe,
kandi nta n’umwe azobatera ubwoba,
kuko Uhoraho Mushoboravyose abivuze.
5Naho amoko yose yogendera
mw’izina ry’imana zabo,
tweho tuzogendera mw’izina ry’Uhoraho
Imana yacu ibihe bidashira.
Umugambi w’Uhoraho
6“Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho avuze,
“nzokoranya ibimuga;
nzokoraniriza hamwe abajanywe ari inyagano
n’abo nateye umubabaro.
7Nzohindura ibimuga bibe amasigarira yanje,
n’abirukanywe nzobahindura ihanga rikomeye.
Uhoraho azobarongora ari ku musozi Siyoni
uhereye uwo musi gushika ibihe bidashira.
8Ariko weho, munara w’inderetsi w’umukuku,
munara w’ubuhungiro bw’umukobwa w’i Siyoni,
uzosubizwa ububasha bwo kuganza kwawe wahoranye;
ubwami buzohabwa umukobwa w’i Yerusalemu.”
9Ni kuki none uboroga,
mbega nta mwami ufise?
Umutware wawe yapfuye,
ko uburibwe bugufashe nk’umugore ageze kwibaruka?
10Babara uboroge, yewe mukobwa w’i Siyoni,
nk’umugore ari ku bise,
kuko ugiye kuva muri iki gisagara
uje kuba mu makambi yo mu gahinga.
Muzoja i Babiloni;
aho ni ho muzotabarirwa.
Aho ni ho Uhoraho azobacungurira
abakuye mu maboko y’abansi banyu.
11Ariko ubu amoko menshi
akoraniye hamwe ngo abagwanye.
Bavuga bati: “Reka tuhahumanye,
amaso yacu yirabire uburyo Siyoni hasamburwa!”
12Ariko bo ntibazi
ivyiyumviro vy’Uhoraho;
ntibatahura imigambi yiwe,
ko yabegeranirije hamwe nk’imikama y’ingano ku mbuga.
13“Haguruka usekure ingano, mukobwa w’i Siyoni,
kuko nzoguha amahembe y’ivyuma;
ndaguhe ibinono vy’imiringa,
kandi uzojanjagura amoko menshi uyagire ubunywenywe.”
Kandi muzogira inyegu y’Uhoraho ivyo banyaze,
ubutunzi bwabo buzoba ubw’Umwami w’isi yose.

Currently Selected:

Mika 4: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in