YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 3

3
Yohana Umubatizi ategurira Yesu inzira
1Haciye igihe haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bw’i Yudaya, 2avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.” 3Uwo Yohana ni we yari yaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, igihe yavuga ati:
“Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati:
‘Nimutegurire Uhoraho aho aca,
mugorore inzira agenderamwo.’#3:3 Yesaya 40:3
4Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. 5Abantu bava i Yerusalemu, i Yudaya no mu karere k’uruzi Yorodani, bakaja iyo ari. 6Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.
7Ariko abonye ko Abafarisayo n’Abasadukayo benshi baje aho ari ngo ababatize, arababaza ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake bw’Imana bugiye kuza? 8Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, 9mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu. 10Mbere incabiti ibanguriwe imizi y’ibiti: igiti cose kitama ivyamwa vyiza kigiye gucibwa gitererwe mu muriro.
11Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro. 12Afise urutaro rwo kugosora mu minwe, azokubura ikibanza co gusekuriramwo. Ahejeje kugosora azokwegeraniriza ingano mu kigega umuguruka na wo awuturirire mu muriro utazokwigera uzima.”
Yohana abatiza Yesu
13Hanyuma Yesu ava i Galilaya aja kuri Yorodani ngo abatizwe na Yohana. 14Ariko Yohana agerageza kumwankira, avuga ati: “Ni jewe nkwiye kubatizwa nawe, none uje ngo abe ari jewe nkubatiza!”
15Yesu aramwishura ati: “Reka tubikore gutyo, kuko bikwiye ko dushitsa ibigororotse.” Yohana aca yemera kumubatiza.
16Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. 17Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”

Currently Selected:

Matayo 3: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy