YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 2

2
Abanyabwenge mu vy’inyenyeri
1Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu. 2Barabaza bati: “Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Twabonye inyenyeri yiwe mu buseruko none tuzanywe no kumusenga.”
3Umwami Herode yumvise iyo nkuru yaciye abura amahoro, hamwe n’ab’i Yerusalemu bose. 4Aca akoranya abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, ababaza ati: “Vyanditswe ko Kristo azovukira hehe?” 5Baramwishura bati: “Ni i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, kuko ari ko vyanditswe n’uwavugishwa n’Imana ngo:
6‘Kandi wewe, Betelehemu mu ntara ya Yuda,
nturi mutoya mu bisagara vya Yuda,
kuko muri wewe hazokomoka umurongozi
azoragira ubwoko bwanje bwa Isirayeli.’#2:6 Mika 5:2
7Hanyuma Herode ahamagaza mu mpisho ba banyabwenge agerageza kubabaza neza igihe iyo nyenyeri yabonekeye. 8Aca arabarungika i Betelehemu, ababwira ati: “Genda mubaze neza ivyerekeye uwo Mwana. Mumaze kumubona, muce mugaruka mumbwire kugira ngo nanje nje kumushengerera.”
9Bamaze kwumva ivyo umwami ababariye, baca babandanya urugendo. Ya nyenyeri babona mu buseruko ica ibaja imbere kugeza ihagaze hejuru y’aho uwo mwana yari ari. 10Babonye ya nyenyeri ihagaze bagira umunezero mwinshi. 11Binjiye mu nzu, babona uwo mwana ari kumwe na nyina Mariya, barapfukama baramusenga. Hanyuma batekurura udusaho turimwo ivy’agaciro bagendanye babimuhako ishikanwa rigizwe n’inzahabu, n’utundi tuntu tumota neza. 12Hanyuma, Imana imaze kubamenyesha mu nzozi ngo ntibasubire kwa Herode, baca bisubirira iwabo bajanye iyindi nzira.
Yesu ahungira muri Egiputa
13Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na Yosefu mu nzozi amubwira ati: “Fata umwana na nyina ubahungishirize muri Egiputa; uzogumeyo kugeza aho nzokubwirira kugaruka, kuko Herode ariko arondera umwana ngo amwice.”
14Yosefu avyuka hakiri mw’ijoro, afata umwana na nyina, abahungishiriza muri Egiputa, 15agumayo kugeza Herode apfuye. Uko ni ko Umwami Imana yashikije ivyo yari yaravuze aciye ku wavugishwa na we ngo: “Nahamagaye umwana wanje ngo ave muri Egiputa.”#2:15 Hoseya 11:1
16Herode abonye ko ba banyabwenge mu vy’inyenyeri mu buseruko bamuhenze, arashavura cane, aca arungika abasoda kwica abana bose b’i Betelehemu no mu micungararo yaho, bafise imyaka ibiri n’abatarayikwiza akurikije igihe yabonaniye na ba banyabwenge. 17Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana Yeremiya yavuze vyashitse ati:
18“Induru yumvikaniye i Rama,
amarira n’amaborogo menshi:
Rasheli aririra abana biwe
kandi yanse guhozwa
kuko batakiriho.”#2:18 Yeremiya 31:15
Yesu asubira i Nazareti
19Herode amaze gupfa, umumarayika w’Umwami Imana abonekera Yosefu mu ndoto ari muri Egiputa, 20amubwira ati: “Haguruka ujane umwana na nyina usubire mu gihugu ca Isirayeli, kuko abahora barondera kwica uwo mwana bamaze gupfa.”
21Yosefu arahaguruka, afata umwana na nyina basubira mu gihugu ca Isirayeli. 22Ariko amaze kwumva ko Arukelayosi ari we atwara intara y’i Yudaya mu gishingo ca se Herode, aca aratinya kujayo, mu nyuma amaze kuburirwa n’Imana mu ndoto, aja mu ntara y’i Galilaya, 23baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”

Currently Selected:

Matayo 2: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy