YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 4

4
Yesu ageragezwa na Satani
1Hanyuma Yesu aca ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa kugira ngo ageragezwe na Satani. 2Amaze gusenga yisonzesheje imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, yumva arashonje. 3Umugeragezi aca aramwegera, amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, bwira aya mabuye ahinduke imikate.”
4Yesu aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa, ariko atungwa n’ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana.’#4:4 Gusubiramwo 8:3
5Hanyuma wa mubi amujana i Yerusalemu, igisagara cera, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse, 6amubwira ati: “Niwaba uri Umwana w’Imana, niwikororere hasi, kuko handitswe ngo:
‘Azotegeka abamarayika biwe bakuzigame.
Bazokurerura mu maboko yabo
kugira ngo ntutsitare kw’ibuye.’#4:6 Zaburi 91:11,12
7Yesu na we aramwishura ati: “Handitswe ngo: ‘Ntukagerageze Uhoraho Imana yawe.’#4:7 Gusubiramwo 6:16
8Hanyuma Satani yongera kumujana ku musozi muremure cane amwereka ubwami bwose bwo mw’isi n’ubwiza bwabwo. 9Aramubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfukama ukansenga.”
10Yesu aramwishura ati: “Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’#4:10 Gusubiramwo 6:13
11Kuva ako kanya Satani aca aramureka, maze abamarayika baraza baramukorera.
Yesu avuga Ubutumwa Bwiza i Galilaya
12Yesu yumvise ko Yohana yashizwe mw’ibohero, aca aja i Galilaya. 13Yabanje kuja i Nazareti, hanyuma avayo aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali, 14kugira ngo ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya bishike. Yavuze ati:
15“Mu ntara ya Zabuloni n’intara ya Nafutali,
mu bice vyegereye ikiyaga, hakurya ya Yorodani,
i Galilaya haba Abanyamahanga benshi;
16abantu bahora bicaye mu mwijima,
babonye umuco mwinshi,
kandi ababa mu gihugu c’igitutu c’urupfu,
umuco warabarasiye.”#4:16 Yesaya 9:1,2
17Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
Abarovyi bane bakurikira Yesu
18Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu mazi kuko bari abarovyi. 19Yesu arababwira ati: “Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.” 20Ubwo nyene, baca basiga ngaho insenga zabo, baramukurikira.
21Abandanije, abona Yakobo na Yohana bene Zebedayo, bari kumwe na se mu bwato, bariko barasana insenga zabo. Maze Yesu arabahamagara, 22baca basiga ubwato na se baramukurikira.
Yesu akiza abarwayi benshi
23Ico gihe Yesu agendagenda mu ntara yose ya Galilaya yigishiriza mu masinagogi yaho, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza abantu ingwara zose n’ubumuga bwose. 24Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza. 25Maze amasinzi y’abantu baramukurikira, bavuye i Galilaya, i Dekapolisi#4:25 Akarere kagizwe n’ibisagara cumi., i Yerusalemu, i Yudaya, no hakurya ya Yorodani.

Currently Selected:

Matayo 4: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy