YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 13

13
Yesu yoza ibirenge vy’abigishwa
1Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.
2Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu. 3Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo. 4Nuko arahaguruka ava ku meza, akura umutamana wiwe, afata igitambara co kwihanaguza aragikenyera. 5Ahejeje, afata amazi ayasuka mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe, abihanaguza ca gitambara yakenyera.
6Ashikiriye Simoni Petero, Petero aramubwira ati: “Mwami, ni wewe ugira unyoze ibirenge!”
7Yesu aramwishura ati: “Ntushobora gutahura ico ndiko ndakora ubu nyene, ariko uzogitahura hanyuma.”
8Petero aramubwira ati: “Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!”
Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko.”
9Simoni Petero na we ati: “Mwami, nimba ari uko rero ntunyoze ibirenge gusa, unyoze n’ibiganza n’umutwe na vyo.”
10Yesu aramwishura ati: “Uwumaze kwoga umubiri wose, aba akeneye kwoga ibirenge gusa, kuko umubiri wiwe wose uba usukuye. Mwebwe muratunganye naho atari mwese.” 11Yesu yari azi uwugiye kumugurisha, ni co gituma yavuze ko batari batunganye bose.
12Ahejeje kuboza ibirenge, aca yambara wa mutamana wiwe asubira mu cicaro ciwe. Arababaza ati: “Muratahuye ico ndabakoreye? 13Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri. 14Nimba jewe, Umwigisha wanyu n’Umwami wanyu, ndabogeje ibirenge, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. 15Ndaberetse akarorero kugira ngo namwe mukore nk’uko nabakoreye. 16Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye. 17Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.
Yesu avuga ko agiye kugurishwa
18 Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’ # 13:18 Zaburi 41:9
19 Ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo nivyashika muze mwizere ko ndi uwo ndi we. 20Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye.”
21Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, agira uruhagarara mu mutima wiwe, maze ashinga intahe avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe agiye kungurisha.”
22Abigishwa barabana mu maso, bibaza uwo ariko aravuga. 23Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza. 24Simoni Petero avunira akagohe uwo mwigishwa, amubwira ati: “Mubaze uwo ari we.”
25Na we yegamira Yesu aramubaza ati: “Mwami, ni nde?”
26Yesu aramwishura ati: “Ni uwo nza gukoreza umukate mw’isahani nkawumuha.” Yesu ahejeje kuwukoza mw’isahani awuha Yuda, mwene Simoni Isikariyote. 27Yuda amaze kurya uwo mukate, Satani aca amwinjiramwo.
Yesu aramubwira ati: “Nyarutsa ukore ico wateguye gukora.” 28Ariko mu bariko barasangira na we nta n’umwe yamenye igituma amubwiye ayo majambo. 29Kubera Yuda ari we yari ajejwe ikigega, bamwe bibajije ko Yesu amusavye kugura ibikenewe vy’umusi mukuru, canke kugira ico aha abakene. 30Yuda agiheza kurya wa mukate, aca arasohoka kandi hari mw’ijoro.
Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana
31Yuda amaze kugenda, Yesu aravuga ati: “Umwana w’Umuntu agira ahabwe icubahiro, kandi n’Imana igira ihabwe icubahiro muri we. 32Kandi nimba Imana igira ihabwe icubahiro muri we, na yo igiye kumuha icubahiro vuba.
33 Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.
34 Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana. 35Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”
36Simoni Petero aramubaza ati: “Mwami, ugiye kuja he?”
Yesu aramwishura ati: “Ntushobora kunkurikira aho ngiye, ariko uzonkurikira hanyuma.”
37Petero aramubwira ati: “Mwami, ni kuki ntogukurikira ubu? Nditeguye no gupfa ndakuzira!”
38Yesu aramwishura ati: “Gupfa unzira? Ndakubwire ukuri, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”

Currently Selected:

Yohana 13: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy