YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 12

12
Yesu asukwako amavuta i Betaniya
1Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba. 2Nuko bategurira amazimano Yesu, kandi Marita ni we yazimana, Lazaro na we akaba umwe mu basangira na Yesu. 3Maze Mariya afata icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada, ayasuka ku birenge vya Yesu, aca abihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose yuzura ugutamirana kw’ayo mavuta.
4Ariko umwe mu bigishwa biwe yitwa Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha, aravuga ati: 5“Ni kuki aya mavuta atagurishijwe ngo amahera avuyemwo afashe aboro? Igiciro cayo kingana n’idenariyo amajana atatu.#12:5 Ingero umukozi yakorera umwaka wose.6Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.
7Yesu arishura ati: “Nimureke kumugora! Ibi abikoze nk’uwuntegurira guhambwa. 8Aboro bo muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.”
9Abayuda bamenye ko Yesu ari i Betaniya, baza ari benshi kumuraba no kuraba Lazaro, umwe yari yazuye mu bapfuye. 10Ivyo vyatumye abakuru b’abaherezi bagira imigambi yo kwica Lazaro na we, 11kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.
Yesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami
12Ku musi ukurikira, abantu benshi bari baje mu misi mikuru ya Pasika bumva ko Yesu ari mu nzira aja i Yerusalemu. 13Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati:
“Hozana!”#12:13 Ni ijambo ry’Igiheburayo risigura ngo “Dukize!” Ariko ryahavuye rikoreshwa mu gushimagiza Imana
“Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!”#12:13 Zaburi 118:25,26
“Hahezagirwe Umwami wa Isirayeli.”
14Nuko Yesu afata indogoba ayicarako, gutyo aba ashikije Ivyanditswe bivuga ngo:
15“Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni;
raba, umwami wawe araje,
yicaye ku nyana y’indogoba.”#12:15 Zekariya 9:9
16Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.
17Abantu benshi bari kumwe na Yesu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye, babandanije bakwiza inkuru y’ivyo babonye. 18Ni co gituma abantu benshi barondera iyo ari. Bari bumvise ko yakoze ico gitangaza. 19Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”
Yesu avuga ku rupfu rwiwe
20Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki. 21Nuko begera Filipo yava i Betesayida mu ntara ya Galilaya baramubwira bati: “Mushingantahe, twipfuza kubona Yesu.” 22Filipo aca aragenda abibwira Andereya, maze uko ari babiri baca baja kubibwira Yesu.
23Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe. 24Ndababwire ukuri, iyo urutete rw’ingano rudatewe mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rumwe gusa. Ariko iyo rutewe rugapfa, bituma rwama izindi ntete nyinshi cane. 25Umuntu wese akunda ubuzima bwiwe muri iyi si azobubura, ariko umuntu wese yanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ibihe bidashira. 26Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.
27 Mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye. 28Data, hesha izina ryawe icubahiro.”
Nuko ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Nararihesheje icubahiro, kandi nzosubira ndariheshe icubahiro.” 29Abantu benshi bari ngaho bumvise iryo jwi, bavuga ko ari umuturagaro, abandi na bo ngo ni umumarayika yavuganye na we.
30Yesu arababwira ati: “Iri jwi ntirivuze ku neza yanje, ni ku neza yanyu. 31Igihe co gucira iyi isi imanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze. 32Kandi ninamara kumanikwa hejuru y’isi, nzokwiyegeranirizako abantu bose.” 33Ivyo yabivuze ashaka kwerekana urupfu yari agiye gupfa.
34Ba bantu isinzi baramwishura bati: “Ivyagezwe bitubwira ko Kristo azokwamaho. None uvuze uti: ‘Umwana w’Umuntu azomanikwa hejuru’? Uwo ‘Mwana w’Umuntu’ ni nde?”
35Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja. 36Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco.” Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.
Ukutizera kw’Abayuda
37Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye. 38Ibi vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, aho yanditse avuga ati:
“Mwami, ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze?
Ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?”#12:38 Yesaya 53:1
39Ni co gituma batashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye yandika ati:
40“Uhoraho yabagize impumyi
akomantaza imitima yabo,
kugira ngo amaso yabo ntabone,
n’imitima yabo ntitahure,
ngo boye kumpindukirira nanje ngo ndabakize.”#12:40 Yesaya 6:10
41Ibi Yesaya yabivuze kuri Yesu, kuko yabonye ivyo muri kazoza maze avuga ku vy’ubwiza bwa Kristo.
42Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Ariko ntibavyemera ku mugaragaro kubera gutinya ko Abafarisayo babirukana mw’isinagogi; 43kuko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.
44Nuko Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye. 45Uwumbonye aba abonye uwantumye. 46Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.
47 Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi. 48Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma. 49Sinavuze ivyo nigeneye. Data yantumye ni we yantegetse kuvuga amajambo yose navuze. 50Kandi ndazi ko ivyo ategeka bizana ubugingo budashira. Ivyo mvuga ndabivuga nk’uko Data yabintegetse.”

Currently Selected:

Yohana 12: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy