YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 11

11
Urupfu rwa Lazaro
1Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo. 2(Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari arwaye.) 3Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: “Mwami, umwe ukunda ararwaye.”
4Yesu avyumvise, aravuga ati: “Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo.” 5Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro. 6Ariko inyuma yo kwumva ko Lazaro arwaye, yamaze aho yari ari iyindi misi ibiri. 7Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: “Ingo dusubire i Yudaya.”
8Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?”
9Yesu arabishura ati: “Mbega umurango ntugizwe n’amasaha cumi n’abiri? Uwugenda ku murango ntashobora gutsitara, kuko abonesherezwa n’umuco w’iyi si. 10Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro arashobora gutsitara kuko ata muco uba uhari.”
11Ahejeje kuvuga ivyo, arababwira ati: “Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye; ariko ngira nje kumuvyura.”
12Abigishwa baramwishura bati: “Mwami nimba asinziriye, azokira.” 13Yesu yashaka kuvuga ko Lazaro yapfuye, ariko bo bibaza ko ari ugusinzira gusanzwe.
14Nuko aca arabitomora ati: “Lazaro yapfuye, 15kandi ndanezerewe ku bwanyu kubona atari yo nari ndi, kuko muraja kunyizera. Nimuze tuje kumuraba.”
16Toma (uwo batazira Ihasa) abwira abigishwa bagenziwe ati: “Reka tugende natwe dupfane na Yesu.”
Yesu ni ukuzuka n’ubugingo
17Yesu ashitse i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine ari mu mva. 18Betaniya hari hafi y’i Yerusalemu, nko ku birometero bitatu#11:18 birometero bitatu mu Kigiriki ni sitadiyo cumi na zitanu (nk’ibirometero 3). 19Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo. 20Marita yumvise ko Yesu aje, arasohoka aja kumusanganira, ariko Mariya aguma i muhira.
21Maze Marita abwira Yesu ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye. 22Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha.”
23Yesu aramubwira ati: “Musazawe azozuka.”
24Marita aramwishura ati: “Ndazi ko azozuka ku musi wa nyuma.”
25Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho. 26Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?”
27Marita aramwishura ati: “Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi.”
28Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aja guhamagara mwene nyina Mariya aramwihereranya, amubwira ati: “Umwigisha ari hano kandi arashaka kukubona.” 29Mariya avyumvise aca arahaguruka ubwo nyene aja iyo Yesu ari. 30Yesu ntiyari bwinjire mu mihana, yari akiri aho bahuriye na Marita. 31Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamuremesha babonye ahagurutse yihuta agaca asohoka, baramukurikira, kuko bibaza ko yoba agiye ku mva kuririrayo.
32Nuko Mariya ashika aho Yesu ari aramubona, aca apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.”
33Yesu abonye amarira ya Mariya n’ay’Abayuda bari bazananye na we, afatwa n’ibigumbagumba arababara cane. 34Arababaza ati: “Mwamuhamvye he?”
Baramwishura bati: “Mwami ingo wirabire.”
35Yesu aca ararira.
36Abayuda bari aho baravuga bati: “Ehe ingene yamukunda!”
37Ariko bamwe baravuga bati: “None ko yakijije ya mpumyi, ntiyari gushobora gukingira Lazaro urupfu?”
Yesu azura Lazaro
38Nuko Yesu ashika ku mva akibabaye. Iyo mva yari isenga ryugaje ikibuye kinini. 39Yesu arababwira ati: “Nimukureho ico kibuye.”
Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: “Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!”
40Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”
41Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga. 42Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”
43Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!” 44Wa muntu yari yarapfuye arasohoka, amaboko n’ibirenge vyiwe bikizingiriyeko impuzu bamuhamvyemwo, mu maso hiwe hazingiriyeko igitambara.
Yesu arababwira ati: “Nimumubohore, mumureke agendagende.”
Abayuda barondera kwica Yesu
45Ivyo vyatumye Abayuda benshi bari baje kugarukira kuri Mariya bizera Yesu, bamaze kubona ivyo akoze. 46Ariko bamwe muri bo baciye baja ku Bafarisayo bababwira ivyo Yesu yakoze. 47Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda.
Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi. 48Nitwamureka akabandanya uku, abantu bose bazomwizera, maze Abaroma baze bigarurire urusengero rwacu n’igihugu cacu.”
49Nuko umwe muri bo yitwa Kayafa, ari na we yari umuherezi mukuru uwo mwaka, aravuga ati: “Ntimuzi ico muriko muravuga! 50Ntimubona ko ari vyiza ko umuntu umwe apfira abantu hako igihugu cose kigwa mu kaga?”
51Ivyo ntiyabivuze avyigeneye; ariko nk’umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yaravugishijwe ko Yesu yari agiye gupfira igihugu cose. 52Kandi si igihugu ca Isirayeli gusa, ahubwo yari agiye gupfira n’abana b’Imana bashwiragiriye mu mahanga, kugira ngo abegeranirize hamwe, abagire umwe. 53Kuva uwo musi baca batangura gutegura ingene bokwica Yesu.
54Ivyo vyatumye Yesu adasubira kugendagenda ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye aja mu karere ko hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa biwe.
55Imisi mikuru ya Pasika Abayuda bahimbaza yari yegereje, kandi abantu benshi bava mu mihingo yose y’igihugu bakaja i Yerusalemu kugira ngo bagire umugenzo wo kwihumanura imbere y’uko Pasika ishika. 56Abantu baguma barondera Yesu mu rusengero, babazanya bati: “Mwibaza ko azoza mu misi mikuru?” 57Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bari batanze itegeko ko umuntu wese yobona aho Yesu ari yoca aja kubibabwira kugira ngo bamufate.

Currently Selected:

Yohana 11: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy