YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 10

10
Yesu ni Umwungere mwiza
1 Ndababwire ukuri, umuntu wese yinjira adaciye mu muryango w’uruhongore rw’intama, ariko akuririra ahandi, uwo ni igisuma kandi ni umwambuzi. 2Uwinjira aciye mw’irembo ni we mwungere w’intama. 3Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa. 4Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe. 5Ntizishobora gukurikira uwo zitazi, ahubwo ziramuhunga kuko zitazi ijwi ryiwe. 6Ivyo Yesu yabibabwiye mu mugani, kandi abamwumviriza ntibashoboye gutahura ico ashatse kuvuga.
7Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ndababwire ukuri, ni jewe rembo ry’intama. 8Abanyitangiye imbere bose bari ibisuma n’abambuzi, ariko intama ntizabumvirije. 9Ni jewe rembo; umuntu wese yinjiye aciye muri jewe azokizwa. Azokwinjira, asohoke kandi aronke ikimutunga. 10Igisuma ntikizanwa n’ikindi atari ukwiba, ukwica no gutikiza; ariko jewe naje kugira ngo intama zigire ubugingo, kandi zibugire busagutse.
11 Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe. 12Umucangero arahunga iyo abonye ibingira rije. Arata intama agahunga kuko atari umwungere wazo kandi intama zitari iziwe, maze rya bingira rikitera mu ntama rikazishwiragiza. 13Umucangero arahunga kuko akorera amahera kandi atababaye intama.
14 Jewe ndi umwungere mwiza; ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi, 15nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Ni co gituma ntanga ubugingo bwanje ku bwazo. 16Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru ruhongore. Na zo ntegerezwa kuzizana. Zizokwumva ijwi ryanje, maze habe umukuku umwe n’umwungere umwe. 17Igituma Data ankunda ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nzosubire kubwakira. 18Nta muntu n’umwe ashobora kubunyaka, ndabutanga ari uko ndabishatse. Mfise ubushobozi bwo kubutanga n’ubwo kubwakira gushasha. Iki ni co Data yantegetse gukora.”
19Abayuda bumvise ayo majambo, baca basubira gucanamwo. 20Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?”
21Ariko abandi bavuga bati: “Aya majambo si ay’umuntu aboshwe n’umudayimoni. Mbega umudayimoni yohumura amaso y’impumyi?”
Abayuda banka kwizera Yesu
22Ico gihe i Yerusalemu hariko habera imisi mikuru yo kwibuka ishikirizwa ry’urusengero, kandi hari mu gihe c’imbeho nyinshi cane. 23Yesu ariko aragendagenda mu rusengero mw’ibaraza rya Salomo, 24Abayuda bari aho baramukikuza, bamubaza bati: “Uzodutomorera ryari? Nimba uri Kristo, bitubwire neza.”
25Yesu arabishura ati: “Narabibabwiye ariko ntimwanyizera. Ikibishingira intahe ni ibikorwa nkora mw’izina rya Data, 26ariko ntimwizera kuko mutari abo mu ntama zanje. 27Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira. 28Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko. 29Data yazimpaye aruta bose; nta muntu n’umwe ashobora kuzikura mu kuboko kwa Data. 30Kandi twe na Data turi umwe.”
31Nuko Abayuda bongera gutora amabuye ngo bayamutere, 32ariko Yesu arababwira ati: “Ko nakoreye imbere yanyu ibikorwa vyiza vyinshi ndabitumwe na Data, none ni ikihe muri ivyo gitumye mugomba kuntera amabuye?”
33Baramwishura bati: “Ntitugomba kugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuguhora gutuka Imana; kuko uri umuntu asanzwe, ariko ukigira Imana!”
34Yesu arabishura ati: “Mbega mu vyagezwe vyanyu, ntihanditswe ko Imana yavuze iti: ‘Navuze ko muri imana’#10:34 Zaburi 82:6? 35Murazi ko ata gishobora guhindura Ivyanditswe. None nimba ababwiwe iryo jambo biswe ‘imana,’ 36none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’? 37Nimba ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyizere! 38Ariko nimba nkora ibikorwa vya Data, naho mutonyizera jewe, nimwizere ibikorwa nkora, kugira ngo mumenye kandi mutahure ko Data ari muri jewe nanje nkaba muri we.” 39Nuko bagerageza kumufata kandi, ariko arabacika.
40Yesu aca asubira hakurya ya Yorodani mu kibanza Yohana yabatirizamwo mu misi ya mbere, ahamara igihe. 41Abantu benshi baza aho ari, baravuga bati: “Naho Yohana ata gitangaza yakoze, ivyo yavuze vyose kuri uwu muntu vyari ukuri.” 42Maze benshi mu bari aho bizera Yesu.

Currently Selected:

Yohana 10: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy