Hoseya 11
11
Urukundo Imana ifitiye Abisirayeli
1Isirayeli akiri umwana, naramukunda,
kandi nahamagaye umwana wanje ngo ave muri Egiputa.
2Ariko uko nabahamagara,
ni ko barushaho kuja kure yanje.
Bashikaniye ibimazi za Bayali
kandi baturirira ibimota neza ibishushanyo.
3Ni jewe nigishije Efurayimu gutambuka,
ndabafashe ukuboko;
ariko ntibamenye
ko ari jewe nabakijije ingwara.
4Nabakwegesheje imigozi y’ukugira neza kw’abantu,
n’imigozi y’urukundo.
Nababereye nk’uwuterura akana gatoya
akagakikira,
kandi narunamye kugira ngo ndabagaburire.
5Mbega ntibazosubira muri Egiputa,
vyongeye Abashuri ntibazobaganza
ko banse kwihana?
6Inkota izoza ku bisagara vyabo;
izorigata abavugishwa b’ibinyoma babo
ishire kw’iherezo imigambi yabo.
7Abantu banje bafashe ingingo yo kuntera ibitugu.
Naho banyita Imana Musumbavyose,
sinzokwigera ndabashira hejuru.
8“Efurayimu we, mbega noguheba nte?
Isirayeli we, mbega nogutanga gute?
Mbega nokugirira nk’i Adima?
Mbega nokugirira nka Zeboyimu?
Umutima wanje urabuze ico uhitamwo;
ntewe n’akagongwe.
9Sinzobahanana uburake,
kandi sinzosubira gusangangura Efurayimu.
Kuko ndi Imana, ntari umuntu,
Uwera ari muri mwebwe.
Sinzotera ibisagara vyabo.
10Kuko umusi umwe bazokurikira Uhoraho;
kandi nzokwivuga nk’intambwe.
Aho nzokwivugira,
abana biwe bazoza bahinda agashitsi bava mu burengero.
11Bazoza bavuye muri Egiputa,
bahinda agashitsi nk’inyoni,
bavuye muri Ashuri, bameze nk’inuma.
Nzobasubiza mu mazu yabo,”
ni ko Uhoraho agize.
Icaha c’Abisirayeli
12Efurayimu yankikije ibinyoma,
Isirayeli na we yankikije uguhendana.
Kandi Yuda yahindutse umugarariji ku Mana,
ku Wera w’Umwizigirwa.
Currently Selected:
Hoseya 11: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.