Itanguriro 29
29
Yakobo ashika i Padani-Aramu
1Nuko Yakobo arabandanya urugendo rwiwe, ashika mu gihugu co mu buseruko. 2Ahashitse abona iriba mu gahinga, n’imikuku itatu y’intama ziryamye hafi yaryo, kuko ari ho zari zisanzwe ziza kunywa amazi. Ariko iryo riba ryari ryugaje ikibuye kinini. 3Imikuku yose imaze kwegerana, abungere baca bakorana bagatembagaza ca kibuye kikava ku munwa w’iriba, maze bagaha amazi intama. Mu nyuma baraheza bagasubiza ca kibuye ku munwa w’iriba.
4Yakobo abaza ubungere ati: “Bavukanyi, mwebwe muva he?”
Baramwishura bati: “Tuva i Harani.”
5Arababaza ati: “Mwoba muzi Labani, umwuzukuru wa Nahori?”
Baramwishura bati: “Egome, turamuzi.”
6Yongera arababaza ati: “Arakomeye?”
Na bo bati: “Egome, arakomeye. Mbere ng’uriya n’umukobwa wiwe Rasheli arashitse n’intama ziwe.”
7Yakobo arababwira ati: “Murabona ko hakiri ku murango; ntiharagera kwegeranya imikuku y’intama. Nimuhe amazi izo ntama hanyuma muzisubize kurisha.”
8Baramwishura bati: “Ntidushobora kubikora ubu nyene imikuku y’intama yose itarashika, hanyuma ngo dutembagaze ikibuye cugaye iriba. Aho ni ho dushobora guha intama amazi.”
9Yakobo akiriko aravugana na bo, Rasheli arashika ashoreye intama za se, kuko uwo mukobwa yari umwungere. 10Yakobo abonye Rasheli umukobwa wa Labani inarume, akabona n’intama za Labani, aca aja kuri rya riba, atembagaza ca kibuye kiryugaye, maze aha amazi intama za inarume. 11Hanyuma Yakobo agumbira Rasheli, maze araturika ararira. 12Abwira Rasheli ati: “Ndi incuti ya so, umuhungu wa Rebeka.” Rasheli aca ariruka abibwira se.
13Labani amaze kwumva ko Yakobo, umwana wa mushikiwe, yaje, ariruka aja kumusanganira. Aramugumbira, aramusoma, amujana i muhira iwe. Yakobo amaze kubwira Labani ivyamubayeko vyose, 14Labani aramubwira ati: “Ni ivy’ukuri uri umubiri wanje n’amaraso yanje.”
Yakobo arongora Leya na Rasheli
Yakobo ahamaze ukwezi, 15Labani aramubwira ati: “Ntukwiye kunkorera kuri gusa ngo ni kubera ko turi incuti. Mbwira impembo ushaka.”
16Labani yari afise abakobwa abiri. Umukuru yitwa Leya, umutoya yitwa Rasheli. 17Amaso ya Leya ntiyaraba neza, ariko Rasheli yari mwiza cane kandi yari ateye igomwe. 18Kubera ko Yakobo yakunda Rasheli, abwira Labani ati: “Nzogukorera imyaka indwi niwemera kumpa Rasheli, umukobwa wawe mutoya, ngo twubakane.”
19Labani aramwishura ati: “Ndavyemeye! Nohitamwo kumuguha hako ndamuha uwundi muntu. Guma hano iwanje.” 20Nuko Yakobo akorera Labani imyaka indwi kugira ngo aronke Rasheli. Kuko yamukunda urukundo rwinshi, iyo myaka yamubereye nk’imisi mike cane.
21Nuko Yakobo abarira Labani ati: “Igihe twavuganye kiraheze, mpa umugore nakoreye kugira ngo tubane.”
22Nuko Labani atumira abantu bo muri ako karere agira umusi mukuru. 23Ariko hageze ku mugoroba, afata umukobwa wiwe Leya aba ari we aha Yakobo, maze Yakobo aryamana na we. 24Labani aha umukobwa wiwe Leya incoreke yiwe Zilupa kugira ngo imukorere.
25Yakobo avyutse mu gitondo, asanga yararanye na Leya. Abwira Labani ati: “Ibi wankoreye ni ibiki? Sinagukoreye imyaka indwi twumvikanye ko umpa Rasheli? Ni kuki wambeshe?”
26Labani aramwishura ati: “Mu migenzo ya hano iwacu ntivyemewe gushingira umukobwa muto imbere y’umukobwa mukuru. 27Rangiza iyi ndwi y’inkinga, hanyuma nzoheza ndaguhe Rasheli niwemera kunkorera iyindi myaka indwi.”
28Nuko Yakobo yemera gukora iyindi myaka indwi. Amaze imisi indwi arongoye Leya, Labani umushingira na Rasheli na we. 29Labani atanga incoreke yiwe Biluha kugira ngo akorere umukobwa wiwe Rasheli. 30Nuko Yakobo aryamana na Rasheli na we, kandi urukundo yamukunda rwaruta urwo yakunda Leya. Amara iyindi myaka indwi akorera Labani.
Abana ba Yakobo
31 Uhoraho abonye ko Leya adakundwa, amushoboza kuvyara abana, ariko Rasheli we aba ingumba. 32Nuko Leya asama inda avyara umuhungu, amwita Reyubeni, kuko yavuga ati: “Uhoraho yabonye umubabaro wanje; ubu ho umugabo wanje azonkunda.”
33Yongera asama iyindi nda avyara umuhungu, maze amwita Simeyoni, kuko yavuga ati: “Uhoraho yabonye ko ntakundwa; ni co gituma ampaye uwundi muhungu.”
34Yongera asama inda igira gatatu, avyara uwundi muhungu. Amwita Lewi, kuko yavuga ati: “Ubu ho umugabo wanje azonkunda, kuko maze kumuvyarira abahungu batatu.”
35Leya yongera asama iyindi nda, avyara uwundi muhungu, amwita Yuda, kuko yavuga ati: “Ubu rero ngiye guhimbaza Uhoraho!” Hanyuma aca arahagarika kuvyara.
Currently Selected:
Itanguriro 29: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.