YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 8

8
1Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa.
Ihamwa ry’ishengero no gusanzara kwaryo
Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya. 2Abantu bubaha Imana baraza bahamba Sitefano, baramugandarira cane. 3Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.
Filipo avuga ubutumwa i Samariya
4Abasanzaye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose. 5Nuko Filipo amanuka mu gisagara kimwe c’i Samariya, abwira abantu baho ivya Kristo. 6Maze abantu isinzi bumvise amajambo ya Filipo, bakabona n’ibitangaza akora, baca bashira umutima ku nyigisho ziwe. 7Kuko benshi barakira impwemu mbi, zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira. 8Maze haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.
Ivya Simoni umunyamareba
9Hari umugabo yitwa Simoni yari amaze igihe ari umunyamareba muri ico gisagara, agatangaza ab’i Samariya bose, 10kandi abantu bose, abahambaye n’aboroshe, baramutangarira bakavuga bati: “Uwu mugabo ni bwa bushobozi bw’Imana, bita ‘Ubushobozi Buhambaye.’ ” 11Bakunda kumwumviriza kuko yari amaze igihe abatangaza n’amareba yiwe. 12Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa. 13Na Simoni na we arabatizwa, akurikira Filipo aho yaja hose, atangarira ibimenyetso n’ibitangaza Filipo yakora.
14Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye ijambo ry’Imana, zica zibarungikira Petero na Yohana. 15Bashitseyo, baca barabasengera kugira ngo baronke Mpwemu Yera, 16kuko nta muntu n’umwe muri bo yari bwaronke Mpwemu Yera; bari babatijwe mw’izina ry’Umwami Yesu gusa. 17Maze Petero na Yohana babarambikako ibiganza, baronka Mpwemu Yera.
18Simoni abonye ko abantu baronka Mpwemu Yera barambitsweko ibiganza n’intumwa, aca azizanira amahera, 19azibwira ati: “Nimumpe nanje ubwo bubasha kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azoronke Mpwemu Yera.”
20Petero aramwishura ati: “Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera. 21Nta n’agace canke umugabane ufise muri iki gikorwa, kuko umutima wawe utagororotse imbere y’Imana. 22Nuko niwihane ivyo vyiyumviro bibi, usenge Umwami Imana. Kumbure yoguharira ivyo vyiyumviro bibi biri mu mutima wawe. 23Kuko ndabona ko wuzuye ishari ry’umururazi, kandi ko uri umugurano w’ikibi.”
24Simoni aca yishura ati: “Nsengera ku Mwami Imana kugira ngo mu vyo uvuze ntihagire ikizombako.”
25Bamaze gushinga intahe no kuvuga Ijambo ry’Umwami Imana, Petero na Yohana baca basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga Ubutumwa Bwiza mu mihana myinshi y’i Samariya.
Filipo abwira Ubutumwa Bwiza Umunyetiyopiya
26Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza, imwe batagicamwo.” 27Nuko afata inzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga. 28Ariko arataha, yicaye mu mukogote wiwe, yagenda arasoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. 29Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”
30Nuko Filipo aranyaruka, agendera i ruhande ya wa mukogote, yumva wa muntu ariko asoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. Aramubaza ati: “Mbega ivyo uriko urasoma urabitahura?”
31Na we aramwishura ati: “Nobitahura gute atawubinsiguriye?” Aca asaba Filipo ngo yurire mu mukogote, baricarana.
32Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe bivuga ngo:
“Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa,
atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya,
ntiyigera akurako umunwa.
33Yarakengerewe abura uwumuburanira.
Ni nde yovuga ivy’uruvyaro rwiwe?
Kuko ubuzima bwiwe bwakuwe kw’isi?”#8:33 Yesaya 53:7,8
34Maze iyo nkone ibaza Filipo iti: “Mbwira: uwu muntu uwavugishwa n’Imana avuga ko ni nde, ni we yivugako canke avuga ku wundi muntu?” 35Filipo aca ahera kuri ivyo vyanditswe nyene, amubwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu.
36Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?”
[ 37Filipo aramwishura ati: “Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa.” Na we arishura ati: “Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.”]#8:37 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. 38Nuko aca ategeka ko bahagarika umukogote, barururuka baja mu mazi, Filipo aca aramubatiza. 39Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko ibandanya urugendo inezerewe cane. 40Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.

Currently Selected:

Ivyakozwe 8: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy