YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe 9

9
Ukwihana kwa Sawuli
1Ico gihe Sawuli yari acuzuye inzigo, ahiga kwica abigishwa b’Umwami Yesu. Nuko aja ku muherezi mukuru, 2amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu. 3Akigenda, yegereje i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru umurasirako giturumbuka impande zose. 4Maze agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?”
5Na we arabaza ati: “Uri nde ga Mwami?”
Rya jwi na ryo riti: “Ndi Yesu, uwo uriko urahama. 6Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.”
7Abari kumwe na Sawuli bahagarara bumiwe, kuko bumva ijwi ariko batabona uwuvuga. 8Sawuli ava hasi, ariko yugurura amaso, ntiyashobora kubona. Baca bamufata ukuboko bamutwara i Damasiko, 9ahamara imisi itatu atabona, ata co arya kandi ata co anywa.
10I Damasiko hari umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu amwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: “Ananiya!”
Na we arishura ati: “Sabwe Mwami!”
11Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’Ibarabara Rigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ariko arasenga. 12Kandi mu nzozi, yabonye umuntu yitwa Ananiya aza kumurambikako ibiganza kugira ngo ahumuke.”
13Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu. 14Kandi yaje hano afise ububasha yahawe n’abakuru b’abaherezi kugira ngo afate abo bose bambaza izina ryawe.”
15Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli. 16Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”
17Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.” 18Ubwo nyene, ibintu bimeze nk’ibikaragashi biva ku maso ya Sawuli, arahumuka. Aca ava hasi arabatizwa. 19Ahejeje gufungura, udutege turagaruka.
Sawuli yigisha i Damasiko n’i Yerusalemu
Nuko Sawuli amarana imisi n’abigishwa i Damasiko. 20Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana. 21Abamwumva bose baratangara, bakabazanya bati: “Mbega uwu mugabo si umwe yahora atikiza abasenga izina rya Yesu i Yerusalemu? Mbega ntiyari yazanywe ino no gufata abizera kugira ngo abatware nk’imbohe ku bakuru b’abaherezi?” 22Ariko inyigisho za Sawuli zirushiriza kugira ubushobozi mu kwemeza Abayuda b’i Damasiko ko Yesu ari we Kristo bituma bataronka ico basubizayo.
23Haciye igihe, Abayuda barondera ingena bomwica, 24ariko Sawuli amenya imigambi yabo mibi. Ijoro n’umurango bama bamutegereye ku marembo y’igisagara kugira ngo bamwice. 25Ariko abigishwa biwe bahengera ari mw’ijoro, bamushira mu giseke, bamucisha mw’idirisha ry’uruzitiro, baramwururutsa.
26Ashitse i Yerusalemu, agomba kwifatanya n’abandi bigishwa, ariko bose baramutinya, kuko batizera ko yahindutse umwigishwa vy’ukuri. 27Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba. 28Maze Sawuli aca agumana n’intumwa i Yerusalemu yidegemvya, yigisha ashize amanga mw’izina rya Yesu. 29Yama avugana yongera aharira n’Abayuda bavuga Ikigiriki, ariko bo bakama barondera ingene bomwica. 30Ariko abizera babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.
31Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera.
Petero akiza Ayineya
32Nuko Petero agendagenda muri izo ntara zose, hanyuma amanuka kuramutsa abizera b’i Luda. 33Maze ahasanga umugabo yitwa Ayineya, yari amaze imyaka umunani avundiye ku kirago kuko yari yarakongataye. 34Petero aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka wizingire ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka. 35Ababa i Luda n’i Sharoni bose bamubonye agendagenda, barihana bizera Umwami Yesu.
Petero azura Tabita
36Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene. 37Muri iyo misi aragwara, hanyuma arapfa. Ikiziga ciwe baracoza, bakibika mu cumba co hejuru. 38Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.”
39Nuko Petero arahaguruka asubirana unyuma na bo. Bashitse baca bamutwara muri cuba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.
40Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara. 41Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima. 42Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu. 43Petero aca amara imisi myinshi i Yopa kwa Simoni, yakora ivyo gutunganya insato.#9:43 Abakora ivy’insato bafatwa nk’abantu bahumanye kandi basuzuguritse kuko bakora ku bikoko vyapfuye.

Currently Selected:

Ivyakozwe 9: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy