Ivyakozwe 9
9
Ukwihana kwa Sawuli
1Ico gihe Sawuli yari ageramiye abigishwa b’Umwami Yesu, ahiga kubica. Nuko aja ku muherezi mukuru, 2amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira abo asanga bakurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu. 3Akigenda, yegereje i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru umurasirako giturumbuka impande zose. 4Aca agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?”
5Na we arabaza ati: “Uri nde ga Mwami?”
Iryo jwi na ryo riti: “Ndi Yesu, uwo uriko urahama. 6Ariko haguruka ushike mu gisagara, ni ho uzobwirirwa ivyo ukwiye gukora.”
7Abari kumwe na Sawuli bahagarara bumiwe, kuko bumva ijwi ariko batabona uwuvuga. 8Sawuli ava hasi, ariko agerageje gukanura, ntiyashobora kubona. Baca bamufata ukuboko bamutwara i Damasiko, 9ahamara imisi itatu atabona, ata co arya kandi ata co anywa.
10I Damasiko hariho umwigishwa wa Yesu yitwa Ananiya. Maze Umwami Yesu aramwiyereka mu nzozi, aramuhamagara ati: “Ananiya!”
Na we arishura ati: “Sabwe Mwami!”
11Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’ibarabara ryitwa irigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze bakwereke umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ni ho ari ariko arasenga. 12Kandi mu nzozi, yabonye umuntu yitwa Ananiya aza kumurambikako ibiganza kugira ngo ahumuke.”
13Ananiya aca aramwishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu. 14Kandi yaje hano afise ububasha yahawe n’abaherezi bakurubakuru kugira ngo afate abo bose bambaza izina ryawe.”
15Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse n’abo mu Bisirayeli. 16Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye kuzobabazwa ku bw’izina ryanje.”
17Nuko Ananiya aca aragenda arinjira muri iyo nzu. Maze aca arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.” 18Ubwo nyene, ibintu bimeze nk’ibikaragashi biva ku maso ya Sawuli, arahumuka. Ubwo nyene aca ava hasi arabatizwa. 19Nuko ahejeje gufungura, inguvu zongera kugaruka.
Sawuli yigisha i Damasiko n’i Yerusalemu
Nuko Sawuli amarana imisi n’abigishwa i Damasiko. 20Maze atangura kwigisha mu masinagogi ko Yesu ari Umwana w’Imana. 21Abamwumva bose baratangara, bakabazanya bati: “Mbega uwu mugabo si umwe yahora atikiza abasenga izina rya Yesu i Yerusalemu? Mbega ntiyari yazanywe ino no gufata abizera kugira ngo abatware nk’imbohe ku baherezi bakurubakuru?” 22Ariko inyigisho za Sawuli zirushiriza kugira ubushobozi mu kwemeza Abayuda b’i Damasiko ko Yesu ari we Kristo kuko zatuma bataronka n’ico basubizayo.
23Haciye igihe, Abayuda barondera ingena bomwica, 24ariko Sawuli amenya imigambi yabo mibi. Ijoro n’umurango bama bamutegereye ku marembo y’igisagara kugira ngo bamwice. 25Ijoro rimwe, bamwe mu Bigishwa bamushira mu giseke, bamucisha mw’idirisha ry’uruzitiro rw’igisagara, bamwururukiriza inyuma.
26Ashitse i Yerusalemu, agomba kwifatanya n’abandi bigishwa, ariko bose baramutinya, kuko batizera ko yahindutse umwigishwa vy’ukuri. 27Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba. 28Maze Sawuli aca agumana n’intumwa i Yerusalemu yidegemvya, yigisha ashize amanga mw’izina rya Yesu. 29Yama avugana yongera aharira n’Abayuda bavuga Ikigiriki, ariko bo bakama barondera ingene bomwica. 30Abizera Kristo babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.
31Ico gihe, Ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, kuko abizera bagendera mu kwubaha Umwami Imana. Kandi kubera ritewe intege na Mpwemu Yera riragwira mu gitigiri.
Petero akiza Ayineya
32Nuko Petero agendagenda muri izo ntara zose, hanyuma amanuka kuramutsa abizera b’i Luda. 33Maze, ahasanga umugabo yitwa Ayineya, yari amaze imyaka umunani yose adashobora kuva ku buriri kuko yari yarakongataye. 34Hanyuma Petero aca aramubwira ati: “Ayineya, Yesu Kristo aragukijije. Haguruka uzinge ikirago cawe.” Ubwo nyene Ayineya aca arahaguruka. 35Ababa i Luda n’i Sharoni bose bamubonye agendagenda, baca barihana bizera Umwami Yesu.
Petero azura Tabita
36Kandi i Yopa hariho umwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki risobanurwa ngo Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, agafasha abakene. 37Muri iyo misi aragwara, hanyuma arapfa. Ikiziga ciwe baracoza, bakibika mu cumba co hejuru. 38Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.”
39Nuko Petero arahaguruka ajana na bo. Bashitse baca bamutwara muri ico cumba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bariko bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.
40Maze Petero arabataramura bose, aca arapfukama arasenga. Hanyuma ahindukirira ikiziga, avuga ati: “Tabita, vyuka!” Nuko Tabita arakanura. Abonye Petero, aca aravyuka aricara. 41Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima. 42Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu. 43Petero aca amara imisi myinshi i Yopa kwa Simoni, yakora ivyo gutunganya insato.#9:43 Abakora ivy’insato bafatwa nk’abantu bahumanye kandi basuzuguritse kuko bakora ku bikoko vyapfuye.
Currently Selected:
Ivyakozwe 9: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.