YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 5

5
Uruzabibu rw’Uhoraho n’ibizorubako
1 # Zab 80:8; Mrk 12:1. Hinge ndirimbe ivy’ umukunzi wanje, indirimbo y’uwo nkunda ivuga ivy’ uruzabibu rwiwe. Umukunzi wanje yagize uruzabibu ku musozi umera cane: 2#Yer 2:21.yari yararurimiriye, akūramw’ amabuye, ateramw’ imizabibu y’ubgoko bgiza, arwubakamw’ umutara hagati, arwimbamwo n’ikinogo, agikora bga bgato: nuko yaziga ko ruzokwama inzabibu, ariko rwama ibijabija vy’inzabibu. 3None rero mwa baba i Yerusalemu, namwe bagabo b’i Buyuda, ndabinginze mudutātūre, twe n’uruzabibu rwanje. 4#Mik 6:3, 4.Ico nari gukorera uruzabibu rwanje ntārukoreye n’igiki? Ko naziga ko ruzokwama inzabibu, n’iki catumye rwama ibijabija vy’inzabibu? 5#Zab 80:12; Hos 2:12.None rero reka mbereke ivyo ngira ngirire uruzabibu rwanje: ngira nkūreh’ ururombero rwarwo, maze rwonwe ruvumburwe; kandi nsambure uruzitiro rwarwo, rucibge iyondoyondo; 6#Yes 7:23.kandi ndaruririke; ntiruzotuturirwa, ntiruzorimirirwa, ariko ruzomeramw’ imikere n’amahwa; kandi nzobuza ibicu vyoye kurugwishakw imvura. 7Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.
Ivyaha ingene bizana kubona ibara
8 # Mik 2:2. Bazobona ibara, abomeka ingo ku zindi bakīkumirakw amatongo, gushitsa hatagira ahasigaye, mukaba ari mwebge mwenyene musigaye mwiganziye hagati mu gihugu! 9Uhoraho Nyen’ ingabo yavugiye mu matwi yanje, ati N’ukuri ingo nyinshi zizoba imisaka, mbere na nini‐nini nziza zizosigara ata wukizibamwo. 10#Ezk 45:11.Kukw imirima cumi y’imizabibu izoreta umubindi umwe, kand’ igisamba cagezwemw’ imbuto kizozana inkōko gusa.
11 # Imig 23:29, 30. Bazobona ibara, abazindurwa mu gatondo no kwirukira ibiboreza, bakarāra kw ijoro gushitsa vino ibaboreje! 12#Yob 34:27; Yes 26:11; Am 6:5, 6.Mw inywa ryabo bagira inanga n’ikembe n’agashako k’ingoma n’umwironge na vino; yamara ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe. 13#Yes 1:3; Int 4:7, 8; Hos 4:6.Ni co catumye abantu banje bajanwa ar’ inyagano, ata co bigeze bamenya: abanyacubahiro bo muri bo bishwe n’inzara, kand’ ishengero ryabo ryose ryāgatuwe n’inyota. 14Ni co catumye i kuzimu harangara, hāsamitse akanwa kaho birengeje urugero: maz’ abakire b’i Yerusalemu na ba nyarucari baho barokeramwo, bakiri mu gahimbo, bavuza urwamo. 15#Yes 2:9, 11, 17.Abantu bazosubizwa hasi, abahambaye bacishwe bugufi, abībone bacurike amaso hasi: 16arik’ Uhoraho Nyen’ ingabo azoba ashizwe hejuru n’imanza ziroranye, kand’ Imana Yera izokwerekanisha ukwera kwayo ubugororotsi. 17Ico gihe imyagazi y’intama izorisha nk’ah’ ari mu canya cayo, kand’ ivyo mu matongo y’abakire abayerera ni bo bazobirya.
18Bazobona ibara, abīkwegera igihano, bagikwegesheje umugozi w’ibinyoma, bakīkwegera akaziri nk’aho bagakwegesheje ikiyonzoyonzo gikwega umukogote: 19#Yes 66:5; 2 Pet 3:4.bakavuga, bati N’anyaruke, atebutse igikorwa ciwe tukirābe: kand’ imigabo y’Uwera w’Abisirayeli ni yīgire hafi ishike, kugira ngo tuyimenye!
20Bazobona ibara, abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi; bagashira umwiza mu gishingo c’umuco, n’umuco mu gishingo c’umwiza; bagashira ibirura mu gishingo c’ibisosa, n’ibisosa mu gishingo c’ibirura!
21 # Imig 3:7; Rom 12:16. Bazobona ibara, abīyita abanyabgenge ubgabo, bakībgira kw ar’ abahanga!
22 # Yes 5:11. Bazobona ibara, abīgira agakūra mu kunywa vino, bakaba abagabo bo guturiranya ibiboreza; 23#Kuv 23:8.bagatsindanishiriza abanyakibi kubg’ ingurire, ariko bagakūra urubanza ku bagororotsi! 24#Yes 1:4; 30:9; Yow 2:5.Nuko rero, nk’ukw ibirimi vy’umuriro bitongora ibirararara, kandi nk’uk’ ubgatsi bgumye bunyikira mu muriro, ni kw igishitsi cabo kizoba nk’ikibore, n’amashurwe yabo azotumuka nk’umukungugu: kuko bāgaye ivyagezwe vy’Uhoraho Nyen’ ingabo, bagakēngēra ijambo ry’Uwera w’Abisirayeli.
25 # 2 Abam 22:17; Yes 9:12, 17, 21; 10:4. Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, akababangurira ukuboko, akabakubita, imisozi ikaja mu gatengo, maz’ imivyimba yabo ikamera nk’imyanda hagati mu mayira. Yamara na ho nyene uburake bgiwe ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabanguye.
26 # Gus 28:49; Yes 7:18; 18:3. Kand’ azomanikira amahanga ya kure ibendera, abahamagaze uruhwa ngo bave ku mpera y’isi; na bo bazoza n’ingoga bihuta. 27Muri bo nta wuzoruha canke ngw atsitare, nta wuzohunyiza canke ngw asinzire; n’umukanda bakenyeje ntuzokenyuruka, kandi n’utugozi tw’inkweto zabo ntituzocika; 28imyampi yabo irasongoye, n’imiheto yabo yose irabanze; inzāra z’amafarasi yabo zizomera nk’isare, n’amakurudumu y’imikogote yabo azogenda nk’agashururu. 29Ukwivuga kwabo kuzoba nk’ukw’ intambge, bazokwivuga nk’imigunza y’intambge: ni koko bazotontoma basahura isahu, bayīnyagira, ata wuriho wo gutabara. 30#Yes 8:22.Kur’ uwo musi bazobabomboranira hejuru nk’ukw ikiyaga kibomborana: kand’ uwokwitegereza ico gihugu yobona har’ umwiza n’ivyago, kand’ umuco uzimanganijwe n’ibicu bihubikije.

Currently Selected:

Yesaya 5: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in