Yesaya 4
4
1 #
Ita 30:23; Yes 3:6. Uwo musi abakobga ndwi bazofata umugabo umwe, bamubgire, bati Tuzokwīrīra ivyo kurya vyacu, tuzokwiyambika impuzu zacu: kimwe gusa, uduhe kukwitirirwa izina ryawe, nawe udutēturure.
Imana isezerana gukiza abakobga b’i Yerusalemu
2 #
Yes 11:1; 27:6; Yer 23:5; 33:15; Zek 3:8; 6:12. Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate. 3#Kuv 32:32; Zab 69:28; Yes 6:13; 10:20; Luk 10:20.Maz’ ūzoba asigaye i Siyoni, n’ūzoba asigaye i Yerusalemu, umuntu wese yanditswe mu bakiriho b’i Yerusalemu, azokwitwa uwera, 4#Ezk 36:25; Mal 3:2; Mat 3:11.Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira. 5#Kuv 13:21, 22.Kandi hejuru y’inzu yose yo ku musozi Siyoni no ku makoraniro yaho Uhoraho azoharemera igicu n’umwotsi ku murango, no guca ibikēke kw’umuriro waka mw ijoro: kuko hejuru y’ubgiza bgose hazobah’ igitwikira. 6#Zab 27:5; Yes 25:4.Kandi hazobah’ ihema ku murango ryo gutera igitūtu kubg’ indugumba, ribe n’ubuhungiro n’ubgugamo bg’isegenya n’imvura.
Currently Selected:
Yesaya 4: RUN1967
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967