Yesaya 13
13
Imbūri yo kuri Babuloni
1Imbūri yo kuri Babuloni, iyo Yesaya mwene Amosi yeretswe.
2 #
Yes 5:26. Ni mushinge ibendera ku musozi muremure w’uruharabuga, shira ijwi hejuru mubahamagare, mubākure, kugira ngo bace mu birimba vy’abaganwa. 3Nahaye icagezwe abo nirobanuriye, mbere nahamagaye abahizi banje, bo n’abanyirahira bampayagiza, kugira ngo bashitse ivyo uburake bganje bgāgabiye. 4Umve ukwo guhinda kw’igugu ku musozi, nk’ukw’ igitero gikomeye! Umve urwo rwamo rw’amahanga y’abami akoraniye hamwe! Uhoraho Nyen’ ingabo arikw arakoranya ingabo azitegurira intambara. 5Ziva mu gihugu ca kure, ku mpera y’ijuru; Uhoraho azananye n’ibirwanishwa vy’ugushangashirwa kwiwe, guhonnya igihugu cose. 6#Yow 1:15; Zef 1:7.Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose. 7#Yer 6:24; Nah 2:10.Ivyo bizotuma amaboko yose adendebuka, n’umutima w’umuntu wese ushonga. 8Bazokwiheba; umubabaro n’uburibge bibafate; bazobabara nk’umugore ari ku nda; bazorābana bumirwe; kandi mu maso habo hazohindurira nk’umuriro. 9Eh’ umusi w’Uhoraho uraje, ni ruburakigongwe uzananye ishavu n’uburake bg’inkazi; ng’uhindure igihugu imisaka, ugeseze abanyavyaha baho ngo bagishiremwo. 10#Ezk 32:7; Yow 3:15; Mrk 13:24.Kukw inyenyeri zo kw ijuru n’uburundo bgazo bitazokwaka, izuba rizocura umwiza rikirasa, n’ukwezi ntikuzobonesha umuco wakwo. 11Kandi nzohana ab’ isi kubg’ ibibi vyabo, n’abanyakibi kubg’ ukugabitanya kwabo; nzomara amanyama abibone, n’ ukwishira hejuru kw’abantu b’ agaterabgoba nzogusubiza hasi. 12Nzotuvya abantu barushe izahabu nziza‐nziza kuba imparūrwa, mber’ abantu bazoba imparūrwa kurusha izahabu ziramuye zivuye muri Ofiru. 13#Hag 2:6.Ni co kizotuma ntigitisha amajuru, kand’ isi na yo izonyiganyiga ive ahayo, kubg’ uburake bganje Uhoraho Nyen’ ingabo, ku musi w’uburake bganje bg’inkazi. 14#Yer 50:16; 51:9.Maz’ umuntu wese azosubira mu b’i wabo, yiruka nk’ingeregere ihīgwa, canke nk’intama itagira ūyiragiye, umuntu wese ahungire mu gihugu c’i wabo. 15Uwo bazobona wese bazomusogota, kand’ ūzofatwa mpiri wese bazomwicisha inkota. 16#Nah 3:10.Utuyoya twabo na two bazotubamenagurira imbere; amazu yabo azosahurwa, kand’ abagore babo bazobenda ku kagōbēro. 17#Yer 51:11.Rāba nzovyutsa Abamedi ngo babatere; ntibazorāba ifeza, kandi naho zoba izahabu ntibazozibabara. 18Imiheto yabo izokenyagura imisore, kandi ntibazogirira akagongwe inda ikiri mu nda, n’ijisho ryabo ntirizobabarira abana bato. 19#Yes 47:5; Yer 50:40.Kandi Babuloni, icubahiro c’amahanga y’abami, ubgiza bg’ubgibone bg’Abakaludaya, hazomera nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora. 20#Yer 51:43.Ntihazokwigera hasubira kweyerwa ngo hubakwe, kand’ uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana, nta wuzosubira kuhaba. Umwarabo ntazohashinga ihema, kandi n’abungere ntibazohavyagiza imikuku yabo. 21#Yes 34:13, 14.Arikw ibikōko vyo mu bugaragwa ni vyo bizohagandagaza: amazu yabo azokwuzura ibihuna; ibisīga vyitwa imbuni na vyo bizohaba, n’ibisigo vy’amapfizi y’impene bizohatēganira. 22Amabingira azotontomera mu bihome vyabo, n’imbgebge mu ngoro z’igikundiro. Igihe caho kigira gishike, kand’ imisi ir’ imbere yaho ntizokwongerwako.
Currently Selected:
Yesaya 13: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967