Hoseya 9
9
Abisirayeli bazokwambukanwa ar’ inyagano
1 #
Yer 44:17; Hos 1:2; 2:5. Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke. 2Ivyuzuye ku mbuga no mu māto ntibizobatunga, kandi vino y’umubira izobashirako. 3#Lew 25:23; Ezk 4:13; Hos 8:13.Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri. 4#Gus 26:14; Ezk 24:17; Hag 2:13.Ntibazosukira Uhoraho ibiturire vya vino, kand’ ibimazi vyabo ntibizomuhimbara: ivyo kurya vyabo bizobabera nk’ibiryazagu vy’abagandaye; abazobiryako bose bazoba bahumanye; kukw ivyo kurya vyabo bizoba ivyo kubīmarira ipfa gusa, ntibizokwinjira mu ngoro y’Uhoraho. 5Mbega muzogira mute, ku musi mukuru washinzwe, no ku musi w’ikoraniro ry’Uhoraho? 6#Yes 2:20; Hos 10:8.Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo. 7#Yes 10:3; Ezk 13:3.Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi. 8#Hos 5:1.Efurayimu n’umushibamyi yīmīra Imana yanje: arik’ ūvugishwa n’Imana we, umutego w’abatezi b’inyoni uri mu nzira ziwe zose, n’urwanko rumutanga mu ngoro y’Imana yiwe. 9#Abac 19:22.Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.
10 #
Guh 25:3; Zab 80:8; Rom 1:28. Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze. 11Abefurayimu na bo nyene, ubgiza bgabo buzoguruka nk’inyoni: nta wuzovyara, nta wuzogira inda, canke ngw ayisame. 12#1 Sam 28:15, 16; Hos 13:16.Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye! 13#1 Sam 28:15, 16; Ezk 27:3.Abana ba Efurayimu, nk’uko nababonye, bagerewe kuba iminyago: mbere Efurayimu, ubgiwe azosokorora abana biwe abahe umwicanyi.
14 #
Luk 23:29. Uhoraho, n’ubahe — mbe wobaha iki? N’ubahe gukorokesha inda, n’amabere agadutse!
15Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji. 16Abefurayimu baciwe musi, imizi yabo irūmye, nta co bazokwama; mbere naho bovyara, nzotikiza uruvyaro bakunda rwo mu nda zabo.
17 #
Gus 28:64, 65. Imana yanje izobata kure, kuko batayumviye; kandi bazoba inyererezi mu mahanga.
Currently Selected:
Hoseya 9: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967