Hoseya 10
10
Ivyago Abisirayeli bīhamagariye
1 #
Gus 16:22; Zab 80:8-11. Abisirayeli bār’ umuzabibu utotahaye, wama inzabibu zawo; ukw ivyo bamye vyabaye vyinshi, ni ko bagiye bagwiza ibicaniro vyabo vy’ibigirwamana; kand’ ukw igihugu cabo cagiye imbere, ni ko bagiye bashariza inkingi z’ibigirwamana. 2Bagira imitima ibiri: noneho babonetsek’ urubanza rubatsinze. Imana izosangangura vya bicaniro vyabo, isitagure za nkingi zabo. 3#1 Sam 12:12.N’ukuri bazohava bavuga, bati Nta mwami tugira: kuko tutubashe Uhoraho; kare ho umwami yotumariye iki? 4Bavuga amagambo atagira ikimazi, bakarahira ibinyoma mu gusezerana amasezerano; ni co gituma amateka azobaduka nk’uk’ ururamba rubaduka mu busīze bgo mu ndimiro. 5#1 Sam 4:21, 22; 1 Abam 12:28.Ababa i Samariya bazocika ivutu kubg’ inyana z’ibigirwamana z’i Betaveni, kukw abantu baho bazoziborogera, bo n’abaherezi bazo bāhora bazinezererwa, baborogere ubgiza bgazo, kuko bgashize. 6#Hos 5:13.Zizojanwa muri Ashuri kw ingorore z’umwami Yarebu: Abefurayimu bazotētērwa, Abisirayeli bamāramāzwe n’imigabo yabo. 7Ivy’ i Samariya, umwami waho akamirikiye nk’ifuro ryo ku mazi. 8#1 Abam 12:30; Am 8:14; Luk 23:30; Ivyah 6:16.Ibitabo vyatabge muri Aveni, ari vyo gicumuro c’Abisirayeli, na vyo bizosangangurwa; amahwa n’ibitovu bizomera ku bicaniro vyabo; maze bazobarira imisozi, bati Ni mudupfuke; n’imirambi, bati Ni mutugweko. 9#Hos 9:9.Yemwe Bisirayeli, mwacumuye uhereye igihe c’i Gibeya: aho ni ho bahagaze bashikamye, kugira ngw intambara iteye abagabitanya ntibashikeko i Gibeya. 10Nzobahana uko ngomba: kand’ amahanga azokoranira kubarwanya, igihe bazoba baboshwe kubg’ ibicumuro vyabo vyompi. 11#Gus 25:4.Efurayimu ni nk’inka y’ishashi yigishijwe, ikunda gusekura ingano; ariko nzomwambika ingōgo mw izosi ryiwe ryiza: kandi nzoshira kuri Efurayimu ūmwicarako; Yuda azorima, Yakobo akubite imvyirire. 12#Yes 45:8; Yer 4:3.Mubibe mugendereye ukugororoka, mubone kwimbura nk’ukw imbabazi ziri; mumene imishike yanyu; kukw igihe kigeze co kurondera Uhoraho, gushitsa ah’ azozira, akabarekurira imvura y’ubugororotsi. 13#Hos 8:7.Mwarimye ivyaha, mwimbura ibigabitanyo; mwariye ivyamye ku binyoma: kuko mwishimiye imigabo yanyu, n’isinzi ry’abahizi banyu. 14#2 Abam 17:3; Hos 13:16.Ni co gituma hazoba imivurungano mu bgoko bganyu, kand’ ibihome vyanyu vyose bizosangangurwa, nk’uko Shalumani yasanganguye Beti‐Arubeli ku musi w’intambara, ah’ umuvyeyi yavunaguranwa n’abana biwe. 15Ivyo ni vyo Beteli hazobahamagarira kubg’ ibigabitanyo vyanyu bikomeye: mu mutwenzi umwami w’Abisirayeli azoba amaze gufyerengetezwa rwose.
Currently Selected:
Hoseya 10: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967