YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 38

38
Akora igicaniro co kwoserezakw ibimazi
1 # Kuv 27:1-8. Abāza igicaniro co kwoserezakw ibimazi mu giti c’ umushita; uburebure bgaco bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ atanu nyene, cangana impande zose; uburebure bgaco bg’ igihagararo bgar’ amatambge atatu. 2Agiha amahembe ku nkokora zaco ukw ari zine, ayo mahembe yaco yabāziwe kuri co, aba kimwe na co; araheza acomekakw imiringa. 3#1 Abam 7:45.Acura ibintu vyose vy’ ico gicaniro: inzavya, n’ibintu vyo kuyoza umunyota, n’imibehe, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose yabicuze mu miringa. 4Ico gicaniro agicurira ikintu c’insobane kimeze bga rusenga, agicuze mu miringa, agishira musi y’ igikugīrwa gikīkūje ico gicaniro, gihēra hasi, kigarukira ahacāgatije ico gicaniro nyene. 5Avugutira imiringa, ayikūramw’ ibigombo bine vyo gutera ku nkokora zine za ca kintu c’insobane cācuzwe mu miringa, biba ivyo kwinjizamw’ iminiho. 6Abāza iminiho mu giti c’umushita, ayomekakw imiringa. 7Yinjiza iyo miniho mur’ ivyo bigombo biri mu mbavu z’ico gicaniro, yo kukirerura; yakibāje mu mbaho, akigira igisamāre.
8 # Kuv 30:18; 1 Sam 2:22. Maz’ acura ikigārigāri mu miringa, co gukaraba, acura n’ intebe yaco mu miringa nyene, abicuze mu vyīrore vy’imiringa vy’abagore bākoranira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro gukora ibikorwa.
Akora urugo
9 # Kuv 27:9-19. Maz’ akora urugo; ku ruhande ruhera i bumanuko, impuzu zo kubamba ngo zibe urugo zari zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, uburebure bgazo bg’amakika bgar’ amatambge ijana y’ukuboko uciriye mu nkokora. 10Ibirimbi vyo kuzimanikako vyari mirongwibiri, n’ ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo vyari mirongwibiri nyene, bicuzwe mu miringa: imisumari yo kuri vyo yar’ icuzwe mw ifeza, bo n’ imitambikwa yo kuri vyo. 11No ku ruhande ruhera i burārūko na rwo uburebure bg’amakika bg’izo mpuzu bgar’ amatambge ijana nyene, n’ibirimbi vyazo vyari mirongwibiri, n’ibitereko vyavyo vyari mirongwibiri nyene bicuzwe mu miringa; imisumari yo kuri vyo yar’ icuzwe mw ifeza, bo n’imitambikwa yo kuri vyo. 12Ku ruhande rw’i burengerazuba, impuzu zo kubamba zar’ iz’ amatambge mirongwitanu; ibirimbi vyazo vyari cumi, n’ibitereko vyavyo vyari cumi nyene; imisumari yo kuri vyo yar’ icuzwe mw ifeza, bo n’ imitambikwa yo kuri vyo. 13No ku ruhande rw’i burasirazuba, amatambge yazo yari mirongwitanu nyene. 14Ku ruhande rumwe ruhera kw irembo impuzu zo kubamba zar’ iz’ amatambge cumi n’atanu; ibirimbi vyazo vyari bitatu, n’ibitereko vyavyo vyari bitatu nyene. 15No ku rundi ruhande rwaryo vyari kuno; hepfo y’ irembo ry’urwo rugo no haruguru, impuzu zo kubamba zar’ iz’ amatambge cumi‐cumi n’atanu; ibirimbi vyazo vyari bitatu‐bitatu, n’ibitereko vyavyo vyari bitatu‐bitatu nyene. 16Impuzu zose zo kubamba impande zose ngo zibe urugo, zari zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza. 17Ibitereko vyo kunegamw’ ibirimbi vyari bicuzwe mu miringa; imisumari yo kur’ ivyo birimbi, bo n’imitambikwa yo kuri vyo, vyari bicuzwe mw ifeza; ku mitwe yavyo vyari vyometswekw ifeza; ibirimbi vyose vy’urwo rugo vyarikw imitambikwa icuzwe mw ifeza. 18Igihuzu co gukinga mw irembo ry’urwo rugo cari kijererenzwekw amabara n’abahinga, cari kijishwe mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza; uburebure bgaco bg’amakika bgar’ amatambge mirongwibiri, uburebure bg’igihagararo bgar’ amatambge atanu: bgari cabugerwe n’ubg’ izindi mpuzu zo kubamba ngo zibe urugo. 19Ibirimbi vyaco vyari bine, n’ibitereko vyavyo vyari bine nyene, vyacuzwe mu miringa; imisumari yo kuri vyo yar’ icuzwe mw ifeza, kandi vyari vyometswekw ifeza ku mitwe yavyo, bifise n’imitambikwa yacuzwe mw ifeza nyene. 20Imambo zose z’iryo hema, n’iz’ urugo rurikīkūje impande zose, zari zicuzwe mu miringa.
Igitigiri c’ivyakoreshejwe
21 # Guh 4:28, 33. Iki ni co gitigiri c’ivyakoze iryo hema, ari ryo hema ry’Ibishinga intahe, nk’uko Mose yageze ko biharūrwa, Abalewi baba ari bo babiharūra, baharūzwa na Itamari, mwene Aroni umuherezi. 22#Kuv 31:2.Kandi Besaleli mwene Uri, Uri mwene Huri, wo mu muryango wa Yuda, ni we yakoze ivyo Uhoraho yabariye Mose vyose. 23#Kuv 31:6.Yar’ afatanije na Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani, umuntu azi guca amagarwe ku tubuyenge, w’umukozi w’umuhanga, umuhinga wo kujererenga amabara y’inyuzi z’ amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama n’izera derere.
24 # Kuv 30:13. Amazahabu yose yakoreshejwe mu gucura ivy’ iryo hema vyose, ari yo mazahabu y’amashikanwa, yanganya kuriba n’ italanto#38:24 italanto imwe irimwo shekeli 3.000: kandi rāba Kuv 25:39. mirongwibiri n’icenda na shekeli amajana ndwi na mirongwitatu, yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra. 25Amafeza yatanzwe n’ abaharūwe bo mw ikoraniro yanganya kuriba n’italanto ijana na shekeli igihumbi n’amajana ndwi na mirongwirindwi na zitanu, yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; 26#Guh 1:46.yatanzwe n’abantu ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’ amajana atanu na mirongwitanu, umuntu wese yarēngāna agashirwa mu gitigiri c’abāharūwe, amaze imyaka mirongwibiri cank’ isāga, yatanga beka imwe, ari yo kigabane ca shekeli yagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra. 27#Kuv 26:19-32; 36:24-30.Izo talanto z’ifeza, ukw ar’ ijana, zar’ izo gutekwa zikavugutirwa, ngo zivemw’ ibitereko vyo kurokezamw’ inkingi z’iryo hema, n’iza ca gihuzu co gukingīra Ahēra cane: za talanto ukw ar’ ijana zāvuyemw’ ibitereko ijana nyene, igitereko cose cāvuye mw italanto imwe. 28Na za shekeli z’ifeza ukw ar’ igihumbi n’amajana ndwi na mirongwirindwi na zitanu, yazicuzemw’ imisumari yo ku birimbi, aziyagiriza no ku mitwe yavyo, azicuramwo n’imitambikwa yo kuri vyo. 29Kand’ imiringa y’amashikanwa yanganya kuriba n’italanto mirongwirindwi na shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane. 30#Kuv 26:37; 27:1-4; 36:38; 38:1-4.Na yo ayicuramw’ ibitereko vyo kurokezamw’ inkingi za ca gihuzu co gukinga ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ayicuramwo na ca gicaniro c’imiringa, na ca kintu c’insobane caco c’imiringa nyene, bo n’ibintu vy’ico gicaniro vyose, 31#Kuv 27:10-12, 16, 17, 19; 38:10-12, 17.n’ibitereko vyo kunegamw’ ibirimbi vy’urugo impande zose, bo n’ibitereko vyo kunegamw’ ibirimbi bitambagije mw irembo ryarwo, n’imambo zose z’iryo hema, bo n’iz’ urwo rugo rwaryo rurikīkūje impande zose.

Currently Selected:

Kuvayo 38: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in