YouVersion Logo
Search Icon

Kuvayo 13

13
Ivyagezwe vyo kubibutsa uburyo bāvuye muri Egiputa
1Uhoraho abarira Mose, 2#Kuv 13:12-15; 22:29, 30; 34:19; Lew 27:26; Guh 3:13; 8:16, 17; 18:15; Gus 15:19; Luk 2:23.ati Mundobanurire imfura zose n’ivy’ uburiza: ic’ ubuzibūra cose co mu Bisirayeli n’icanje, ari mu bantu, ari mu bitunzwe.
3 # Kuv 3:19; 12:15, 42; 13:9, 14, 16; Gus 16:3. Mose abarira abantu, ati Muze mwame mwibuka uyu musi muviriye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja; kuk’ Uhoraho abakūje ino ubushobozi bginshi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe murya. 4#Kuv 23:15; 34:18; Gus 16:1.Uyu musi muviriyeyo n’uwo mu kwezi kwa Abibu. 5#Kuv 3:8; 6:8; 33:1, 2.Nuko rer’ Uhoraho ni yamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abahiwi n’Abayebusi, ico yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubūki, muze mwame mwitondera uyo muhango mur’ uku kwezi, iyo gutashe hose. 6#Kuv 12:15, 16.Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, maz’ umusi ugira indwi uz’ ube umusi mukuru w’Uhoraho. 7Imitsima itambiwe iz’ ibe ari yo iribga mur’ iyo misi ukw ar’ indwi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe ibabonekamwo, cank’ umwambiro, mu gihugu canyu cose. 8#Kuv 12:26, 27.Kandi kur’ uwo musi umuntu wese az’ abarire umwana wiwe, at’ Ibi mbikorera kwibuka ivyo Uhoraho yadukoreye, igihe twava muri Egiputa. 9#Kuv 12:14; Gus 6:8; 11:18.Ivyo bize bibabere nk’ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, n’icibutso gishizwe hagati y’amaso yanyu, kugira ngw ivyagezwe vy’Uhoraho vyame mu kanwa kanyu: kuk’ Uhoraho yabakūje muri Egiputa ubushobozi bgiwe. 10Ni co gituma mukwiye kwama mwitondera iryo bgirizwa mu gihe caryo, uk’ umwaka utashe.
Ivyagezwe vyo ku cābaye ubuzibūra cose
11Kand’ Uhoraho ni yamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani, nk’uko yabarahiye mwe na ba sogokuruza kw azokibaha, 12#Kuv 13:2.muze musobanurire Uhoraho icitwa ubuzibūra cose, n’ic’ uburiza co mu vyo mutunze: ubuzibūra bg’icitwa ikigabo cose buzoba ubg’Uhoraho. 13#Kuv 34:20; Guh 18:15, 16.Kand’ icana c’indogoba cose c’uburiza muze mugicunguze umwagazi w’intama; na ho ni mutāgomba kuyicungura, muze muyivune izosi; kand’ imfura yose y’umuhungu yo mu bana banyu muze muyicungure. 14#Kuv 12:26, 27.Kandi mu bana banyu ni hagira ūbaza se, mu gihe kizoza, at’ Ibi n’ibiki? az’ amwishure, at’ Uhoraho yadukūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja, adukūjeyo ubushobozi bginshi. 15Igihe Farawo yari yanse kugondwa ngw aturekure, Uhoraho yishe icitwa uburiza cose co mu gihugu ca Egiputa, imfura z’abantu n’uburiza bg’ ibitunzwe: ni co gituma ic’ ubuzibūra cose c’ikigabo tugitangakw ikimazi k’Uhoraho; arikw imfura zacu zose z’abahungu turazicungura. 16#Kuv 13:9, 14.Ivyo bize bibe nk’ ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, kandi nk’ibishizwe mu ruhanga hagati y’amaso yanyu: kuk’ Uhoraho yadukūje muri Egiputa ubushobozi bginshi.
Imana icisha Abisirayeli mu bugaragwa
17 # Kuv 14:10-12; Guh 14:1-4. Nuko rero, Farawo amaze kurekura abo bantu, Imana ntiyabacisha mu nzira ica mu gihugu c’Abafilisitiya, nah’ ari yo yar’ irashe; kukw Imana yivuganije, it’ Abantu boye kuzohava bīcuza babonye intambara, bagasubira muri Egiputa. 18#Kuv 14:2; Guh 33:6, 8, 10, 11.Arikw ibajana izinguzingu, ibacishije mu nzira ica mu bugaragwa, ahabangikanye n’Ikiyaga Gitukura; nukw Abisirayeli bādūze bītwaje ibirwanishwa bavuye mu gihugu ca Egiputa. 19#Ita 50:25.Kandi Mose ajanisha amagufa ya Yosefu, kuko Yosefu yari yararahije bene Isirayeli bikomeye, at’ Imana ntizobura kubagendera, namwe muze mukūre amagufa yanje ino, muyadūgane.
20 # Guh 33:6. Bava i Sukoti, bashika basagaza i Etamu, ah’ubugaragwa butangurira. 21#Guh 14:14; Gus 1:33; Neh 9:12, 19; Zab 78:14; 1 Kor 10:1.Uhoraho ku murango yabaja imbere ari mu nkingi y’igicu, ngw abarōngōre mu nzira; mw ijoro yabaja imbere ari mu nkingi y’umuriro, ngw ababoneshereze, kugira ngo babone uko bagenda ku murango no mw ijoro. 22Ya nkingi y’igicu ntiyava imbere y’ubgo bgoko ku murango, n’iyo nyene y’umuriro ntiyabava imbere mw ijoro.

Currently Selected:

Kuvayo 13: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in