1
Kuvayo 13:21-22
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Uhoraho ku murango yabaja imbere ari mu nkingi y’igicu, ngw abarōngōre mu nzira; mw ijoro yabaja imbere ari mu nkingi y’umuriro, ngw ababoneshereze, kugira ngo babone uko bagenda ku murango no mw ijoro. Ya nkingi y’igicu ntiyava imbere y’ubgo bgoko ku murango, n’iyo nyene y’umuriro ntiyabava imbere mw ijoro.
Compare
Explore Kuvayo 13:21-22
2
Kuvayo 13:17
Nuko rero, Farawo amaze kurekura abo bantu, Imana ntiyabacisha mu nzira ica mu gihugu c’Abafilisitiya, nah’ ari yo yar’ irashe; kukw Imana yivuganije, it’ Abantu boye kuzohava bīcuza babonye intambara, bagasubira muri Egiputa.
Explore Kuvayo 13:17
3
Kuvayo 13:18
Arikw ibajana izinguzingu, ibacishije mu nzira ica mu bugaragwa, ahabangikanye n’Ikiyaga Gitukura; nukw Abisirayeli bādūze bītwaje ibirwanishwa bavuye mu gihugu ca Egiputa.
Explore Kuvayo 13:18