Ivyakozwe N’intumwa 17
17
Abayuda birukana Paulo i Tesalonike
1 #
1 Tes 2:2. Bamaze guca muri Amfipoli no muri Apoloniya, bashika i Tesalonike, hārih’ isinagogi y’Abayuda. 2Nuko Paulo, nk’uko yamenyereye, yinjira muri bo, amara amasabato atatu avugana na bo ivyo mu vyanditswe, 3#Luk 24:26, 27, 45, 46.abibasobanurira, amenyekanisha yuko Kristo yar’ uwo kubabazwa, no kuzuka mu bāpfuye: kand’ ati Yesu, uwo mbabgira, ni we Kristo. 4Bamwe muri bo birabemeza, bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake. 5Arikw Abayuda bagize ishari, bajana abagabo b’imburakimazi bo mu bigaramangira, bakoranya abantu benshi, bavyura imigūmūko mu gisagara, batera inzu ya Yasona, bashaka gukūramwo Paulo na Sila, ngo babashikirize abantu. 6#Ivyak 16:20.Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino, 7#Luk 23:2; Yoh 19:12; Rom 16:21.kandi Yasona yabashembereje: abo bose barenze ivyagezwe vya Kayisari, bavuga yuko harih’ uwundi mwami, ngo ni Yesu. 8Bahagarika imitima y’ishengero rihakoraniye n’iy’ abaganza igisagara, bumvise ivyo, 9nuko bāka Yasona n’abandi ingwati, barabarekura.
Basubira kwirukana Paulo i Beroya
10Nuko bene Data baca banyuruza Paulo na Sila mw ijoro baja i Beroya; maze bashitseyo binjira mw isinagogi y’Abayuda. 11#Yoh 5:39.Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri. 12Nuko benshi muri bo barizera, n’abagore b’icubahiro b’Abagirikikazi n’abagabo batari bake. 13#1 Tes 2:14.Arikw Abayuda b’i Tesalonike bamenye yukw ijambo ry’Imana rivugwa na Paulo i Beroya kandi, bajayo na ho, bavyura imivurungano mu bantu, babahagarika imitima. 14#Ivyak 16:1.Uwo mwanya bene Data banyuruza Paulo ngw ahave, aje ku kiyaga; ariko Sila na Timoteyo basigarayo. 15Kand’ abaherekeje Paulo bamugeza muri Atenayi; maze babariwe kubgira Sila na Timoteyo ngo bamusangeyo n’ingoga, basubira inyuma.
Paulo yigisha muri Atenayi
16Ariko Paulo akibarindīriye muri Atenayi, umutima wiwe utunturira muri we abonye ingen’ ico gisagara cuzuye ibigirwamana. 17Nukw ahārīrira n’Abayuda n’abubaha Imana mw isinagogi, no mu kaguriro imisi yose ahārīra n’abāmusangaho. 18#1 Kor 4:12.Maze bamwe mu banyabgenge bitwa Abepikureyo, n’abandi bitwa Abasitoyiko bahūra na we. Bamwe muri bo barabazanya, bati Mbeg’ uyu adedemba agomba kuvuga ibiki? Abandi bat’ Umenga n’ūzanye imana z’ivyaduka: kuko yavuga ubutumwa bgiza bga Yesu n’ubg’ ukuzuka. 19Baramufata bamujana ahitwa Areyopago, baramubaza, bati Mbeg’ ubona twoshobora kumenya ukwo kwigisha gusha uvuga ukw ari kwo? 20Kuk’ utuzanye mu matwi ibintu vy’ivyaduka: none rero turagomba kumenya ivy’ ari vyo. 21Kukw Abanyatenayi bose n’ab’ akavantara bāriho, batāgira ikindi bakora, atar’ ukwumva canke kudonda amakuru mashāsha. 22Paulo ahagarara hagati muri Areyopago, aravuga,
ati Bagabo bo muri Atenayi, mbonye muri vyose ko mukabije kwubaha imana zanyu. 23Kukw aho nagendagenda nitegereza ivyo musenga, nasanze hari n’igicaniro canditsweko, ngw IC’ IMANA ITAZWI. Nukw iyo musenga mutayizi, ni yo mbabarira. 24#1 Abam 8:27; Yes 42:5; Mat 11:25; Ivyak 7:48.Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko, 25#Zab 50:12.kandi ntikorerwa n’amaboko y’abantu, nk’ūri n’ic’ akennye: kukw ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n’ibindi vyose. 26#Gus 32:8.Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba, 27#Yes 55:6.kugira ngo barondere Imana, ngo namba kumbure bakabakavye boyibona, nah’ itari kure y’umuntu n’umwe muri twebge. 28Kuko muri yo ari ho tubeshejweho, tugenda, turi n’ubugingo; nk’uko na bamwe bo mu bigeneye indirimbo banyu bāvuze,
bati Kuko natwe, tur’ uruvyaro rwayo.#Zab 145:18; Yer 23:23.
29 #
Ita 1:27; Yes 40:18; Ivyak 19:26; 1 Kor 12:2. Nuko rero, ko tur’ uruvyaro rw’Imana, ntidukwiye kwiyumvira yukw Imana isa n’izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye, ivyābājwe n’ubuhinga n’ubgenge bg’abantu. 30#Ivyak 14:16; 17:23; Luk 24:27.Nukw iyo misi y’ubutamenya, Imana yarayīrengagije, ariko noneho, igera kw abantu bose bari hose bihana, 31#Zab 9:8; 96:13; Ivyak 10:42; Rom 10:14.kuko yashinze umusi wo gucirakw isi yose amateka y’ukuri, izoyacisha umuntu yatoranije, kandi yahaye bose ikimenyamenya c’ivyo, mu kumuzura imukūye mu bapfuye.
32Maze bumvise ivy’ ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira, abandi bati Tuzoba turumva ukundi ivy’ utubarira kur’ ivyo. 33Nuko Paulo ava muri bo. 34Arikw abagabo bamwe bīfatanya na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n’umugore yitwa Damari, n’abandi hamwe na bo.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 17: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967