Izuba n’ukwezi bizokwirabura nk’umwijima,
kandi n’inyenyeri ntizizoba zigikayangana.
UHORAHO azokwivuga ari i Siyoni
kandi azoturagara ari i Yerusalemu;
isi n’amajuru bizohinda agashitsi.
Ariko UHORAHO azobera abantu biwe ubuhungiro,
umunara wo guhungiramwo w’Abisirayeli.