1
Yoweli 2:12
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
“Mbere n’ubu nyene,” ni ko UHORAHO avuze, “nimungarukeko n’umutima wanyu wose, mwisonzesha, murira kandi mugandaye.”
Compare
Explore Yoweli 2:12
2
Yoweli 2:28
Kandi hanyuma y’ivyo, nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose. Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa, abatama banyu bazorota indoto, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.
Explore Yoweli 2:28
3
Yoweli 2:13
Imitima yanyu nibe ari yo mutabura mureke impuzu zanyu. Nimugaruke k’UHORAHO Imana yanyu, kuko ari umunyabuntu agira imbabazi, ateba kuraka kandi agira urukundo rwinshi, kandi arigarura ngo ntarungike ivyago.
Explore Yoweli 2:13
4
Yoweli 2:32
Kandi umuntu wese azokwambaza izina ry’UHORAHO azokizwa; kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu hazoba ugutabarwa, nk’uko UHORAHO yavuze, mbere no mu bazoba barokotse ivyago abo UHORAHO azohamagara.”
Explore Yoweli 2:32
5
Yoweli 2:31
Izuba rizohinduka umwijima, ukwezi guhinduke guse n’amaraso imbere y’uko uwo musi uhambaye w’agatikizo kandi w’UHORAHO ushika.
Explore Yoweli 2:31