Yoweli 3:15-16
Yoweli 3:15-16 BKC
Izuba n’ukwezi bizokwirabura nk’umwijima, kandi n’inyenyeri ntizizoba zigikayangana. UHORAHO azokwivuga ari i Siyoni kandi azoturagara ari i Yerusalemu; isi n’amajuru bizohinda agashitsi. Ariko UHORAHO azobera abantu biwe ubuhungiro, umunara wo guhungiramwo w’Abisirayeli.





