1
Itanguriro 37:5
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ijoro rimwe Yosefu ararota, ariko abwiye bene se ivyo yarose, baca barushiriza kumwanka.
Compare
Explore Itanguriro 37:5
2
Itanguriro 37:3
Isirayeli yarakunda Yosefu kuruta abandi bahungu biwe bose kuko yamuvyaye ageze mu zabukuru; kandi yari yaramukoreye ikanzu ndende y’amabara menshi.
Explore Itanguriro 37:3
3
Itanguriro 37:4
Bene se babonye ko se amukunda kuruta uko abakunda, baca baramwanka ku buryo batashobora kumuvugisha n’umutima mwiza.
Explore Itanguriro 37:4
4
Itanguriro 37:9
Mu nyuma Yosefu yongera kurota, aca abwira bene se ivyo yarose, ati: “Nimunyumvirize, nasubiye kurota. Nabonye izuba, ukwezi n’inyenyeri icumi n’imwe vyunama imbere yanje.”
Explore Itanguriro 37:9
5
Itanguriro 37:11
Ariko naho bene se bamugirira inzigo, se we yagumye avyiyumvirako.
Explore Itanguriro 37:11
6
Itanguriro 37:6-7
Yababwiye ati: “Umviriza indoto nagize. Twari mu mirima turiko turatekera imikama y’ingano, nja mbona umuganda wanje urahagurutse, maze imiganda yanyu ica irawukikuza, yunama imbere yawo.”
Explore Itanguriro 37:6-7
7
Itanguriro 37:20
Nimuze tumwice, duterere ikiziga ciwe mu kinogo. Maze tuzovuga ko igikoko camuriye, duheze turabe ico indoto ziwe zivamwo!”
Explore Itanguriro 37:20
8
Itanguriro 37:28
Ba badandaza b’Abamidiyani bahashitse, bakuru ba Yosefu bamukura muri ca kinogo, bamugurisha kuri abo Bishimayeli shekeli mirongo ibiri z’ifeza, na bo bamujana muri Egiputa.
Explore Itanguriro 37:28
9
Itanguriro 37:19
Baravugana bati: “Karosi araje!
Explore Itanguriro 37:19
10
Itanguriro 37:18
Bene se bamubonye akiri kure, baramumenya. Atarabashikira, bagira inama yo kumwica.
Explore Itanguriro 37:18
11
Itanguriro 37:22
Ntimusese amaraso. Ahubwo muterere muri iki kinogo, ariko amaboko yacu ntamukoreko.” Reyubeni yashaka kuraba ingene yotabara Yosefu, akamusubiza kwa se.
Explore Itanguriro 37:22
Home
Bible
Plans
Videos