1
Ab’i Filipi 1:6
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.
Compare
Explore Ab’i Filipi 1:6
2
Ab’i Filipi 1:9-10
Kand’ ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu bgenge no mu kumenya kwose, murobanure ibidahwana, muhore mutagira ubupfunya cank’ ibigwisha gushitsa ku musi wa Kristo
Explore Ab’i Filipi 1:9-10
3
Ab’i Filipi 1:21
Kuko kubganje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ar’ inyungu.
Explore Ab’i Filipi 1:21
4
Ab’i Filipi 1:3
Nshima Imana yanje, uko mbibutse kwose
Explore Ab’i Filipi 1:3
5
Ab’i Filipi 1:27
Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza
Explore Ab’i Filipi 1:27
6
Ab’i Filipi 1:20
nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.
Explore Ab’i Filipi 1:20
7
Ab’i Filipi 1:29
Kukw ico mwagabiwe kubga Kristo, atar’ ukumwizera gusa, ariko mwagabiwe no kubabazwa kubgiwe
Explore Ab’i Filipi 1:29