Itanguriro 1
1
Ukuremwa kw’ibintu vyose
1Mu ntango, Imana yaremye amajuru n’isi. 2Ico gihe isi ntiyagira imero kandi nta kintu cari kuri yo. Umwijima wari utwikiriye ikidengeri c’amazi menshi kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’ayo mazi.
3Imana iravuga iti: “Nihabeho umuco,” maze umuco ubaho. 4Imana ibona ko umuco ari mwiza, hanyuma iwutandukanya n’umwijima. 5Imana yita umuco “umurango”, umwijima na wo iwita “ijoro”. Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa mbere.
6Imana iravuga iti: “Nihabeho ikirere hagati y’amazi n’ayandi, kugira ngo gitandukanye amazi yo hejuru n’ayo kw’isi.” 7Nuko Imana ishiraho ikirere co gutandukanya amazi yo kw’isi n’ayo hejuru. 8Imana yita ico kirere “ijuru”. Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa kabiri.
9Imana iravuga iti: “Amazi yo musi y’ijuru niyegeranire mu kibanza kimwe, hanyuma haboneke ahantu humutse.” Nuko bigenda uko nyene. 10Imana yita ahantu humutse “isi”, amazi yegeraniye hamwe na yo iyita “ikiyaga”. Imana ibona ko vyose ari vyiza.
11Imana iravuga iti: “Isi nimereko ivyatsi n’ibiterwa vy’ubwoko bwose: ibiterwa bifise imbuto n’ibiti vyama ivyamwa bifise imbuto muri vyo, nk’uko amoko yavyo angana.” Nuko bigenda uko nyene. 12Isi izana ibimera: ibiterwa bifise imbuto nk’uko amoko yavyo ari hamwe n’ibiti vyama ivyamwa bifise imbuto muri vyo nk’uko amoko yavyo ari. Imana ibona ko ari vyiza. 13Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa gatatu.
14Imana iravuga iti: “Nihabeho ivyaka kw’ijuru kugira ngo bitandukanye umurango n’ijoro; maze bibe ibimenyetso bitandukanya ibihe, imisi n’imyaka. 15Ivyo vyaka biri kw’ijuru nivyakire isi.” Nuko bigenda uko. 16Imana irema ivyaka bibiri binini: icaka cane co kuganza umurango n’icaka bukebuke co kuganza ijoro. Yongera irema n’inyenyeri. 17Nuko Imana ibishira kw’ijuru kugira ngo biboneshereze isi, 18biganze umurango n’ijoro, vyongere bitandukanye umuco n’umwijima. Kandi Imana ibona ko ari vyiza. 19Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa kane.
20Imana iravuga iti: “Ibifise ubuzima nivyuzure mu mazi, inyoni na zo niziguruke hejuru y’isi mu kirere.”
21Nuko Imana irema ibifise ubuzima binini vyo mu kiyaga n’ikintu cose gihema kandi kiba mu mazi nk’uko amoko yavyo ari, hamwe n’inyoni zose nk’uko amoko yazo ari. Kandi Imana ibona ko ari vyiza. 22Nuko Imana irabihezagira, ivuga iti: “Nimurondoke, mugwire mwuzure amazi yo mu biyaga; inyoni na zo nizigwire zuzure isi.” 23Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa gatanu.
24Imana iravuga iti: “Isi niyuzure ibifise ubuzima nk’uko amoko yavyo ari: ibikoko vy’ibitungwa, ibikoko vyikwega hasi n’ibikoko vyo mw’ishamba.” Nuko biba uko nyene. 25Imana irema ibikoko vyo mw’ishamba, ibikoko vy’ibitungwa n’ibikoko vyikwega hasi, vyose nk’uko amoko yavyo ari. Kandi Imana ibona ko ari vyiza.
26Nuko Imana iravuga iti: “Tureme abantu mw’ishusho yacu, base natwe, baheze baganze amafi yo mu mazi, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyose vy’ibitungano, ivyo mw’ishamba hamwe n’ibikoko bigenda vyikwega hasi vyose.”
27Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.
Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;
ibarema ari umugabo n’umugore.
28Nuko Imana irabahezagira, ivuga iti: “Nimurondoke mugwire; mwuzure isi kandi muyiganze. Muganze amafi yo mu biyaga, inyoni zo mu kirere hamwe n’ibindi biremwa vyose bigendagenda kw’isi.”
29Maze Imana iravuga iti: “Ndabahaye ibiterwa vyose bifise imbuto hamwe n’ibiti vyama ivyamwa bifise imbuto muri vyo biri kw’isi yose. Bizobabera ivyokurya. 30Ibikoko vyose vyo kw’isi n’inyoni zose zo mu kirere, ibikoko vyose bigenda vyikwega hasi; ni ukuvuga ibifise ubuzima vyose; ndabihaye ivyatsi ngo bibibere ivyokurya.” Nuko bigenda uko nyene.
31Maze Imana yihweza ivyo yaremye vyose, ibona ko ari vyiza cane. Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa gatandatu.
Currently Selected:
Itanguriro 1: OBKC
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
“Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc.
“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission.
See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.