Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mutanga ikigiracumi kuri vyose gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza ibikomeye vyo mu vyagezwe ari vyo: ukugororoka, imbabazi, n’ukwizera. Ibi mwari mukwiye kubikora, n’ivyo bindi mutavyirengagije.