1
Matayo 14:30-31
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!” Ubwo nyene, Yesu atuma ukuboko aramufata, amubwira ati: “Wa muntu w’ukwizera guke, ni kuki wakekeranije?”
مقایسه
Matayo 14:30-31 را جستجو کنید
2
Matayo 14:30
Ariko abonye ko umuyaga ari mwinshi, agira ubwoba bwinshi. Atanguye kudobera mu mazi, arasemerera ati: “Mwami, ntabara!”
Matayo 14:30 را جستجو کنید
3
Matayo 14:27
Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”
Matayo 14:27 را جستجو کنید
4
Matayo 14:28-29
Petero aca avuga ati: “Mwami, nimba ari wewe, mbwira nze aho uri, ngendagenda ku mazi.” Yesu aca amubwira ati: “Ingo.” Petero ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.
Matayo 14:28-29 را جستجو کنید
5
Matayo 14:33
Abari mu bwato bose bamuha icubahiro, bavuga bati: “Ni ukuri uri Umwana w’Imana.”
Matayo 14:33 را جستجو کنید
6
Matayo 14:16-17
Yesu arabishura ati: “Ntibikenewe ko bagenda. Ba ari mwebwe mubagaburira.” Baramwishura bati: “Aha dufise imikate itanu n’ifi zibiri gusa.”
Matayo 14:16-17 را جستجو کنید
7
Matayo 14:18-19
Arababwira ati: “Nimubinzanire.” Hanyuma abwira abantu ngo bicare mu vyatsi. Maze afata ya mikate itanu na za fi zibiri, araba mw’ijuru, abishimira Imana. Hanyuma amanyagura ya mikate, vyose abihereza abigishwa biwe na bo babiha abo bantu.
Matayo 14:18-19 را جستجو کنید
8
Matayo 14:20
Bose bararya kandi barahaga. Hanyuma abigishwa begeranya ibiseke cumi na bibiri vyuzuye utumanyu twasigaye.
Matayo 14:20 را جستجو کنید
خانه
كتاب مقدس
برنامههای مطالعه
ویدیوها