1
Itanguriro 3:6
Bibiliya mu Kirundi coroshe
BKC
Nuko wa mugore abona ko ivyamwa vya ca giti ari vyiza, ko bibereye kuribwa kandi ko bituma umuntu agira ubwenge. Aca afata bimwe mu vyamwa vyaco arabirya, yongera ahako n’umugabo wiwe, na we ararya.
مقایسه
Itanguriro 3:6 را جستجو کنید
2
Itanguriro 3:1
Mu bikoko vyo mw’ishamba UHORAHO Imana yari yararemye, inzoka ni yo yarusha ibindi ubugunge. Umusi umwe ibaza wa mugore iti: “Ni ivy’ukuri ko Imana yababwiye iti: ‘Ntimukarye ku vyamwa vyo ku giti na kimwe co mw’itongo’?”
Itanguriro 3:1 را جستجو کنید
3
Itanguriro 3:15
Nzoshira urwanko hagati yawe n’uwu umugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe; azokumena umutwe, nawe uzomukomora ku gitsintsiri.”
Itanguriro 3:15 را جستجو کنید
4
Itanguriro 3:16
Abwira wa mugore na we ati: “Nzogwiza ububabare bwawe mu gihe cawe co kuvyara; uzovyara abana ubanje kubabara. Uzohora wipfuza umugabo wawe, na we azokuganza.”
Itanguriro 3:16 را جستجو کنید
5
Itanguriro 3:19
Kubira icuya mu ruhanga ni kwo kuzotuma uronka ivyokurya kugeza usubiye mw’ivu, kuko ari ryo wavuyemwo. Kuko uri umukungugu, kandi uzosubira mu mukungugu.”
Itanguriro 3:19 را جستجو کنید
6
Itanguriro 3:17
Abwira Adamu na we ati: “Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku vyamwa vya ca giti kandi nari narakwihanikirije nti: ‘Ntiwemerewe kurya ku vyamwa vyaco,’ Isi iravumwe kubera wewe; uzoronka ivyo urya ubanje kuyirima ukaruha ubuzima bwawe bwose.
Itanguriro 3:17 را جستجو کنید
7
Itanguriro 3:11
UHORAHO Imana aramubaza ati: “Ni nde yakubwiye ko uri gusa? Woba wariye ku vyamwa vya ca giti kandi narabikubujije?”
Itanguriro 3:11 را جستجو کنید
8
Itanguriro 3:24
Amaze kwirukana wa muntu, aca ashira mu buseruko bw’itongo rya Edeni abakerubi hamwe n’inkota yaka umuriro iguma igenda igaruka kugira ngo irinde inzira ija ku giti c’ubugingo.
Itanguriro 3:24 را جستجو کنید
9
Itanguriro 3:20
Nuko Adamu yita umugore wiwe Eva, kuko ni we yari agiye kuba nyina w’abafise ubuzima bose.
Itanguriro 3:20 را جستجو کنید