Guharura 2
2
Uko imiryango yashinga amahema aho bacumbitse
1 Uhoraho abarira Mose na Aroni ati: 2“Abisirayeli baze bacumbike bakikuje Ihema ry’Ibonaniro ariko bataryegereye cane, umuntu wese azobe musi y’ibendera ry’umuryango wiwe no musi y’ibendera ry’inzu yiwe.”
3Mu buseruko hazobe hari:
Abakomoka kuri Yuda bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Nahashoni mwene Aminadabu. 4Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo indwi na bine n’amajana atandatu.
5Abakomoka kuri Isakari baze bakurikire. Umukuru wabo ni Netaneli mwene Zuwari. 6Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu na bine n’amajana ane.
7Abakomoka kuri Zebuloni baze bakurikire. Umukuru wabo ni Eliyabu mwene Heloni. 8Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu n’indwi n’amajana ane.
9Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Yuda, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitandatu n’amajana ane. Abo ni bo bazoja imbere y’Abisirayeli. Ni bo bazofata inzira ubwa mbere.
10Mu bumanuko hazoba hari:
Abakomoka kuri Reyubeni, bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Elisuri mwene Shedewuri. 11Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na bitandatu n’amajana atanu.
12Abakomoka kuri Simeyoni baze bakurikire. Umukuru wabo ni Shelumiyeli mwene Zurishadayi. 13Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itanu n’icenda n’amajana atatu.
14Abakomoka kuri Gadi baze bakurikire. Umukuru wabo ni Eliyasafu mwene Reyuweli 15Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na bitanu n’amajana atandatu na mirongo itanu.
16Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Reyubeni, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana na mirongo itanu na kimwe n’amajana ane na mirongo itanu. Ni bo bazofata inzira ubwa kabiri.
17Hanyuma haze hakurikire ihema ry’ibonaniro n’abakomoka kuri Lewi, bagendere hagati y’iyindi migwi. Baze bakurikirane mu guhaguruka nk’uko bakurikirana mu gucumbika, umwe wese mu kibanza ciwe, kandi ari musi y’ibendera ryabo.
18Mu burengero hazoba hari:
Abakomoka kuri Efurayimu, bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Elishama mwene Amihudi. 19Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine n’amajana atanu.
20Abakomoka kuri Manase baze bakurikire. Umukuru wabo ni Gamaliyeli mwene Pedasuri. 21Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itatu na bibiri n’amajana abiri.
22Abakomoka kuri Benyamini baze bakurikire. Umukuru wabo ni Abidani mwene Gidiyoni. 23Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itatu na bitanu n’amajana ane.
24Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Efurayimu, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi ijana n’umunani n’ijana. Baze bafate inzira ubwa gatatu.
25Mu buraruko hazoba hari:
Abakomoka kuri Dani bari musi y’ibendera ryabo. Umukuru wabo ni Ahiyezeri mwene Amishadayi. 26Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo itandatu na bibiri n’amajana indwi.
27Abakomoka kuri Asheri baze bakurikire. Umukuru wabo ni Pagiyeli mwene Okurani. 28Igitigiri c’umugwi wabo ni ibihumbi mirongo ine na kimwe n’amajana atanu.
29Abakomoka kuri Nafutali baze bakurikire. Umukuru wabo ni Ahira mwene Enani. 30Igitigiri c’umugwi w’abo ni ibihumbi mirongo itanu na bitatu n’amajana ane.
31Abagabo bose bazoba bari ku ruhande rwa Dani ni ibihumbi ijana na mirongo itanu n’indwi n’amajana atandatu. Abo ni bo bazohaguruka ubwa nyuma.
32Abo ni bo Bisirayeli, baharuwe hakurikijwe imiryango bakomokamwo. Abaharuwe bose mu mice y’igisoda cabo, nk’uko imigwi yabo iri, ni ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu. 33Ariko Abalewi bo, ntibaharuwe hamwe n’abandi Bisirayeli, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
34Nuko Abisirayeli bakora vyose nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose. Bashinga amahema musi y’amabendera yabo, umwe wese mu nzu ya ba sekuruza no mu muryango wiwe, kandi ni muri urwo rutonde nyene bahaguruka bagafata inzira.
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.