Nahumu Intangamarara
Intangamarara
Iki gitabu ntikidufasha kumenya neza umwidondoro w’uwavugishwa n’Imana Nahumu. Uwu muvugishwa nta handi avugwa na hamwe mw’Isezerano rya Kera, kandi n’aho yamuka hitwa Elikoshi (1:1) ntihagaragara neza. Ubuvugishwa bwiwe bwose bwerekeye igihano n’ugusenyurwa vya Ninewe, umugwa mukuru w’ubwami bwitwa Ashuri. Hariho ibintu bimwebimwe bifasha kumenya igihe uwo muvugishwa yakoreyemwo. Ni nk’ibi bikurikira:
Nko mu mwaka wa 900 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo ni ho ubwami bwitwa Ashuri bwatangura gukomera, inyuma y’intambara zamaze nk’imyaka amajana atatu, Abashuri bagwana n’amahanga abakikuje. Igisagara Ninewe cagiye kuba umugwa mukuru w’ubwo bwami ku ntwaro y’umwami yitwa Senakeribu yatwaye hagati y’umwaka wa 704 n’uwa 681. Mu mwaka wa 663, mu ntumbero yo guhangana n’ibitero vy’Abanyegiputa, umwami wa Ashuri yitwa Ashurubanipali yatwaye hagati y’umwaka wa 669 n’uwa 627, yigaruriye Tebesi, umugwa mukuru wa Egiputa y’uburaruko, ico gihe cari igisagara ca mbere kinini co mu buseruko bw’isi. Ariko inyuma y’urupfu rw’uwo mwami, ubwami bwa Ashuri bwaciye busubira inyuma ningoga. Ivyo vyatumye mu mwaka wa 630, Abanyababiloni bikukira, mbere mu mwaka wa 626, ubwami bwabo na bwo butangura gukomera. Kuva mu mwaka wa 618, ubwo bwami bwifatanije n’Abamedi hamwe n’Abasikiti, baciye batangura kugenda banesha aho baciye hose kugeza aho mu mwaka wa 612 batera igisagara Ninewe, baragisangagura cose kirahera. Mu mwaka wa 606, ubwami bwa Ashuri bwarazimanganye, bugabanganywa hagati y’Abamedi n’Abanyababiloni.
Muri iyo myaka yo gukomera kw’ubwami bwa Ashuri, no kuba ari bwo bwari bwiganziye akarere k’ubuseruko, ubwami bwa Isirayeli n’ubwa Yuda na bwo nyene bwarahuye n’amakuba. Mu mwaka wa 722, Samariya, umugwa mukuru w’ubwami bwo mu buraruko ari bwo Isirayeli, warasambuwe, abanyagihugu baho batwarwa mu buja mu bwami bwa Ashuri. Imyaka mikeya imbere y’aho, Ahazi umwami w’Ubuyuda yari acinyijwe n’umwami wa Ashuri, bica bituma yemera kujana i Buyuda imana z’uwo mutware wiwe (2 Abami 16:18). Mu nyuma ni ho Hezekiya, uwamusubiriye, yatangura igikorwa co kunagura ivyerekeye gusenga Imana y’ukuri, yongera ariganzura yanka ako gacinyizo ka Ashuri. Ariko umuhungu wiwe Manase yatwaye hagati ya 697 na 642, we, yashizeho iyindi ntumbero mu vy’intwaro, maze kuva musi y’agacinyizo ka Ashuri ntivyaba bigishoboka. Manase yemera agacinyizo, yongera yosha ubwami bwiwe gusenga ibigirwamana vy’Abashuri (2 Abami 21:1-18).
Nahumu rero, yoba yavugishijwe hagati y’isenyuka rya Tebesi mu mwaka wa 663 nk’uko abivuga (3:8-10) hamwe n’isenyuka rya Ninewe ryabaye mu mwaka wa 612, iryo yavugishijweko. Ikigeretseko, mu gihe ciwe, Ubuyuda bwari buganjwe na Ashuri (1:13; 2:1), ariko kuri Yosiya mu mwaka wa 630, si ko vyari bikiri. Bishoboka rero ko Nahumu yoba yavugishijwe hagati ya 663 na 642, ku ngoma ya Manase, kugira ngo ahimirize Ubuyuda kugendera mu kwubaha Uhoraho no mu kwanka intwaro ya Ashuri, kuko nk’uko yabivuga, igisagara ca Ninewe cari kigiye gusenyurwa kigaherengetera.
Haheze ibinjana bibiri inyuma y’ico gihe, umusoda mukuru w’Umugiriki yitwa Zenofoni yaciye ahahora igisagara Ninewe, ntiyigera amenya n’izina ry’ico gisagara canke ubwoko bwahora buhaba, kuko cari carazimanganye. Mbere n’ahantu ico gisagara cari cubatse hamenyekanye vuba, mu mwaka wa 1845.
Currently Selected:
Nahumu Intangamarara: BKC
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.