YouVersion Logo
Search Icon

Mika 7

7
Amagorwa y’Abisirayeli
1Ewe jewe ndagowe!
Meze nk’uwegeranya ivyamwa mu gihe vyeruye,
mu gihe co gutorora mu mizabibu;
ata mahando y’inzabibu zo kurya aboneka,
ata n’insukoni z’amasega ngo zimpembure.
2Abizigirwa baheze mu gihugu;
nta mugororotsi n’umwe agisigaye.
Umuntu wese abundira kuvisha amaraso;
umuntu wese ahiga mugenziwe ngo amute mu mutego.
3Ibiganza vyabo vyompi vyamogoreye gukora ibibi;
umutware asaba ingero,
abacamanza bakira ibiturire.
Abahambaye bategekesha agahahazo ngo baronke ivyo bipfuza,
kandi bose bahuje umutima.
4Umuntu mwiza muri bo ameze nk’umubambangwe,
uwurusha abandi ukugororoka arusha ububi uruzitiro rw’amahwa.
Umusi wawe wo kugenderwa n’Imana urashitse,
umusi abarinzi bawe bazovuza inzamba.
Ni igihe cawe co kuzazanirwa.
5Ntiwizigire umubanyi;
ivyizigiro vyawe ntibibe ku mugenzi.
Naho yoba umugore mubumbatirana,
wirinde ivyo iminwa yawe ivuga.
6Kuko umuhungu ntiyubaha se,
n’umukobwa ahagurukiye kugwanya nyina,
umukazana akagwanya inabukwe,
abansi b’umuntu bakaba abo mu rugo iwe.
7Ariko jeho nzokwitega Uhoraho nizigiye,
nzororera Imana Umukiza wanje;
Imana yanje izonyumva.
Abisirayeli bazovyuka
8Ntunyitambe ku muvyimba, wa mwansi wanje we!
Naho naguye, nzovyuka.
Naho nicaye mu mwijima,
Uhoraho azombera umuco.
9Kubera namucumuyeko,
nzokwihanganira uburake bw’Uhoraho,
kugeza aho azoburana urubanza rwanje
akarutsinda.
Azonsohora anshire mu muco;
nzobona ukugororoka kwiwe.
10Maze umwansi wanje azobibona
hanyuma amaramare,
umwe yambwira ngo:
“Mbega Uhoraho Imana yawe ari hehe?”
Amaso yanje azokwibonera ugutemba kwiwe;
kandi azosiribangirwa hasi n’ibirenge
nk’ivyondo mu nzira.
11Umusi wo kwubaka inzitiro zawe urashitse,
umusi wo kwagura imbibe zawe.
12Kuri uwo musi abantu bazoza bakugana
bavuye muri Ashuri no mu bisagara vyo muri Egiputa,
mbere kuva muri Egiputa gushika ku ruzi Efurate,
no kuva ku kiyaga gushika ku kindi
no kuva ku musozi gushika ku wundi.
13Isi izohinduka ubweranyange kubera abayibako,
bitewe n’ivyo bakoze.
Gusenga no guhimbaza
14Ragiza abantu bawe inyobozo yawe,
umukuku w’ishamvu yawe,
wibera ukwawo mw’ishamba,
ahantu h’uburagiro hamera.
Baragire i Bashani n’i Gileyadi
nko mu gihe ca kera.
15“Nko mu misi mwava muri Egiputa,
nzobereka ibitangaza vyanje.”
16Amahanga azobibona amaramare,
inkomezi zabo zose zihere.
Bazoshira amaboko yabo ku munwa bumirwe.
17Bazorigata umukungugu nk’inzoka,
nk’ibikoko bikwega inda hasi.
Bazosohoka bahinda agashitsi bava mu bibundo vyabo;
bazohindukirira Uhoraho Imana yacu bari n’ubwoba
kandi bazogutinya.
18Ni iyihe Mana imeze nkawe,
iharira icaha, ikababarira ibigabitanyo
vy’amasigarira y’ishamvu yiwe?
Ntiwama uratse ibihe vyose
ahubwo uhimbarwa no kugira imbabazi.
19Uzosubira kutugirira ikigongwe;
uzosiribangira ivyaha vyacu musi y’ibirenge vyawe
n’ibigabitanyo vyacu uzobita i bwina mu kiyaga.
20Uzoba umwizigirwa ku ba Yakobo,
uzokwerekana urukundo kuri Aburahamu,
nk’uko wabirahiye ba sogokuruza bacu
mu bihe vya kera.

Currently Selected:

Mika 7: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in