YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 8

8
Yesu akiza umuntu arwaye imibembe
1Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye. 2Maze haza umuntu arwaye imibembe, apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, ubishatse, woshobora kunkiza ngahumanuka.”
3Yesu aca aramvura ukuboko amukorako. Aramubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene aca arakira ya mibembe. 4Hanyuma Yesu aca aramubwira ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda umuherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga kugira ngo bose bamenye ko wahumanutse.”
Ukwizera kw’umusoda mukuru w’Umuroma
5Yesu ashitse i Kaperinawumu, umusoda mukuru mu gisoda c’Abaroma aza aho ari, aramwinginga ngo amufashe. 6Aramubwira ati: “Mwami, umukozi wanje aryamye i muhira, ntiyikoma kandi arababaye cane.”
7Yesu aramwishura ati: “Ndaje kumukiza.”
8Ariko, uwo musoda aramwishura ati: “Mwami, ntibimbereye ko wokwinjira mu nzu yanje. Pfa kuvuga ijambo rimwe gusa umukozi wanje arakira. 9Kuko nanje, ndafise abantegeka, kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti: ‘Kora iki,’ aca agikora.”
10Yesu avyumvise aratangara cane, abwira abariko baramukurikira ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu n’umwe muri Isirayeli nari bwabonane ukwizera gukomeye nk’uku. 11Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru; 12mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”
13Hanyuma Yesu aca abwira wa musoda mukuru ati: “Genda bikubere uko nyene uvyizeye.” Ako kanya nyene wa mukozi wiwe aca arakira.
Yesu akiza abandi bantu benshi
14Yesu aca aja i muhira kwa Petero, asanga inabukwe wa Petero ari mu buriri, arwaye kandi ashushe cane. 15Amukora ku kiganza, ako kanya nyene bwa bushuhe buca burahera, aca ava hasi aramuzimana.
16Ku mugoroba, bazanira Yesu abantu benshi baboshwe n’abadayimoni. Yirukana izo mpwemu mbi mu kuzitegeka, azikura mu bantu kandi akiza abarwaye bose. 17Ivyo yabikoze kugira ngo ijambo uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze rishike, aho yavuze ati:
“Yikoreye ubumuga bwacu,
yishirako ingwara zacu zose.”#8:17 Yesaya 53:4
Ikiguzi co gukurikira Yesu
18Yesu abonye isinzi ry’abantu baje kumushengerera, aca abwira abigishwa biwe ngo bajabuke, baje hakurya y’ikiyaga. 19Umwe mu bigisha b’ivyagezwe aca aramwegera amubwira ati: “Mwigisha, nditeguye kugukurikira aho uja hose.”
20Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”
21Umwe mu bigishwa aramubwira ati: “Mwami, ndeka mbanze ngende mpambe data.”
22Yesu aramwishura ati: “Nkurikira, reka abapfuye mu buryo bw’impwemu bahambe abapfuye babo.”
Yesu ategeka igihuhusi kikamwumvira
23Nuko Yesu aja mu bwato, kandi abigishwa biwe bajana na we. 24Ubwo nyene haza umuyaga w’igihuhusi mu kiyaga, ku buryo imipfunda yariko irisuka mu bwato; kandi ico gihe Yesu yari asinziriye. 25Abigishwa biwe baramukangura bataka bati: “Mwami dukize, turapfuye!”
26Yesu arabishura ati: “Yemwe mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki mufise ubwoba?” Aca aravyuka, akankamira uwo muyaga n’imipfunda, haca haba agahwekere.
27Maze bose baca baratangara, baravugana bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”
Yesu akiza abantu babiri barimwo abadayimoni
28Yesu ashitse hakurya y’ikiyaga, mu ntara ya Gadarene, abantu babiri baboshwe n’abadayimoni baza guhura na we, bavuye mw’itongo ry’abapfuye. Bari bakomeye cane ku buryo ata muntu n’umwe yashobora guca muri iyo nzira. 29Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”
30Hafi y’aho hari umukuku munini w’ingurube zari ziragiwe ku musozi. 31Abo badayimoni binginga Yesu bati: “Ugomvye kutwirukana, twemerere tuje muri ziriya ngurube.”
32Yesu arababwira ati: “Nimugende!” Baca bava muri abo bantu, bitera muri za ngurube. Ubwo nyene wa mukuku wose w’ingurube uca wiruka umanuka, zisuka mu kiyaga zicwa n’amazi. 33Abari baragiye izo ngurube baca bariruka barahunga; baja mu gisagara kuvuga ivyabaye, n’ivyashikiye ba bantu babiri bahora baboshwe n’abadayimoni. 34Ubwo nyene abantu bose bo muri ico gisagara baja gutegera Yesu, bamubonye baramwinginga ngo abavire mu ntara.

Currently Selected:

Matayo 8: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy