YouVersion Logo
Search Icon

Matayo 7

7
Ntugacire imanza abandi
1 Ntugacire imanza abandi kugira ngo na we Imana ntizogucire urubanza. 2Kuko uko ucira imanza abandi ni ko n’Imana na yo izorugucira, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.
3 Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe? 4Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Reka ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi wewe ugendana inkingi y’igiti mu ryawe? 5Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzawe.
6 Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.
Gusaba n’umwete
7 Musabe muzohabwa; murondere muzoronka; mudodore muzokwugururirwa. 8Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
9 Ni nde muri mwebwe umwana wiwe yosaba umukate akamuha ibuye, 10canke amusavye ifi akamuha inzoka? 11Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye! 12Nuko rero, ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira, kuko ivyo ari vyo ivyagezwe hamwe n’ivy’abavugishwa n’Imana vyigisha.
Irembo ryaga n’irembo ryagutse
13 Muce mw’irembo ryaga. Kuko irembo ryagutse n’inzira yagutse bijana mu mahonero, kandi abantu benshi ni vyo bacamwo. 14Ariko irembo ryaga n’inzira ntoya ni vyo bijana mu bugingo, kandi ababihitamwo ni bake.
Abavugishwa b’ukuri n’ab’ibinyoma
15 Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi. 16Muzobamenyera ku vyo bama, ari vyo bikorwa vyabo. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, canke insukoni ku mitobotobo. 17Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, kandi igiti kibi cama ivyamwa bibi. 18Nta giti ciza cokwama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cokwama ivyamwa vyiza. 19Igiti cose cama ivyamwa bibi kiracibwa kigatererwa mu muriro. 20Nuko rero, muzobamenyera ku bikorwa vyabo.
Abigishwa b’ukuri n’ab’ibinyoma
21 Abampamagara bose ngo: Mwami, Mwami, si bo bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ariko ni abakora ivyo Data wo mw’ijuru agomba. 22Ku musi w’urubanza, benshi bazombwira ngo: Mwami, Mwami, mbega ntitwavugishwa mw’izina ryawe, kandi si mw’izina ryawe twirukana abadayimoni bakava mu bantu, tugakora n’ibitangaza vyinshi? 23Ariko, nzobishura nti: ‘Nta ho nigeze ndabamenya. Mva i ruhande mwa nkozi z’ibibi mwe!’
Umwubatsi w’ubwenge n’uw’ikijuju
24 Nuko rero, umuntu wese yumva amajambo yanje akayashira mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ubwenge yubatse inzu yiwe ku rutare; 25imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyisuka kuri nya nzu, yamara ntiyasenyuka kuko urufatiro rwayo rwari rumase ku rutare. 26Ariko, umuntu wese yumva aya majambo yanje, hanyuma ntayashire mu ngiro, ameze nk’umwubatsi w’ikijuju, yubatse inzu yiwe ku musenyi; 27imvura yaraguye, inzuzi ziruzura, igihuhusi kirahuhuta, vyisuka kuri nya nzu, hanyuma irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.”
28Yesu amaze kuvuga ivyo, abantu batangazwa n’inyigisho ziwe; 29kuko yigishanya ububasha, mu buryo butandukanye n’ubw’abigisha b’ivyagezwe babo.

Currently Selected:

Matayo 7: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy