Luka 1
1
Intangamarara
1Abantu benshi baragerageje kwandika inkuru z’ivyabereye hagati muri twebwe, 2nk’uko twazishikirijwe n’abavyiboneye kuva bigitangura, ari na bo bamamaje Ubutumwa Bwiza. 3Ni co gituma nanje, maze gutohoza neza uko vyagenze vyose kuva mu ntango, nahisemwo kukwandikira inkuru y’ukuri kandi itomoye, nyakwubahwa Teyofilo, 4kugira ngo umenye udakekeranya ko inyigisho wakiriye ari iz’ukuri.
Ukuvuka kwa Yohana Umubatizi
5Igihe Herode yari umwami w’i Yudaya, hari umuherezi yitwa Zakariya wo mu mugwi w’abaherezi bitirirwa Abiya. Umugore wiwe yitwa Elizabeti, na we akaba yakomoka mu muryango wa Aroni. 6Zakariya na Elizabeti bari abagororotsi imbere y’Imana, kandi bakurikiza ivyagezwe n’amabwirizwa vy’Umwami Imana ata co bahajije. 7Ariko nta mwana bari bafise, kuko Elizabeti atavyara, kandi bompi bari bashaje cane.
8Umusi umwe, Zakariya yariko arakora igikorwa ciwe c’ubuherezi mu Ngoro y’Imana, kuko umugwi wiwe ari wo wari uramukiwe. 9Yari yatowe hakoreshejwe ubupfindo nk’uko umugenzo w’ubuherezi wabitegekanya mu guhitamwo uwinjira mu rusengero rw’Umwami Imana guturira ibimota neza#1:9 Imibavu. 10Igihe co guturira ivyo bimota neza kigeze, abari ngaho bose bariko basengera hanze.
11Maze umumarayika w’Umwami Imana yiyereka Zakariya, ahagaze i buryo bw’igicaniro baturirirako ibimota neza. 12Zakariya amubonye afatwa n’ubwoba bwinshi. 13Ariko wa mumarayika aramubarira ati: “Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana. 14Uwo mwana azogutera kunezerwa no guhimbarwa, kandi ivuka ryiwe rizonezereza benshi, 15kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina. 16Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo. 17Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”
18Zakariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo novyemezwa n’iki, ko nshaje kandi umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?”
19Wa mumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, kandi nama mpagaze imbere y’Imana. Ni yo yandungitse kukubwira iyi nkuru nziza. 20Kuva ubu, ugiye kuba ikiragi, ntuzosubira kuvuga kugeza uwo mwana avutse, kuko utizeye ivyo ndakubwiye. Kandi bizoshika igihe cavyo kigeze.”
21Mu gihe ivyo vyariko biraba, abantu bari hanze, bagumye barindiriye Zakariya bibaza igituma yatevye akamara mu rusengero umwanya munini. 22Ariko asohotse, ntiyashobora kuvugana na bo. Abantu baca batahura ko hari ivyo yerekewe mu rusengero, kuko yabavugisha akoresheje ibimenyetso vy’amaboko, ntavuge.
23Ikiringo c’ibikorwa vyiwe vy’ubuherezi kirangiye, asubira i muhira. 24Haheze imisi, umugore wiwe Elizabeti asama inda, aca amara amezi atanu ataja ahabona. Avuga ati: 25“Ehe ivyiza Umwami Imana yankoreye! Muri iki gihe, yangiriye ubuntu ankurako ibiteterwe mu bantu.”
Mariya abwirwa ko azovyara Yesu
26Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi. 28Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: “Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we.”
29Mariya aterwa ubwoba bwinshi n’ayo majambo, yibaza ico iyo ndamukanyo isigura. 30Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: “Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. 31Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu. 32Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi, 33kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”
34Mariya abaza uwo mumarayika ati: “Ivyo vyoshoboka bite, ko ntarigera ndyamana n’umugabo?”
35Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, maze ubushobozi bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana uzovyara azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana. 36Mbere na Elizabeti incuti yawe agiye kuvyara umwana mu myaka yiwe y’ubusaza. Uwahora yitwa ingumba, uku ni ukwezi kugira gatandatu yibungenze, 37kuko ata jambo Imana ivuze ribura ububasha.”
38Mariya aramwishura ati: “Jewe ndi umusavyikazi w’Umwami Imana, nibimbere nk’uko ubivuze.” Maze uwo mumarayika aca amusiga aho aragenda.
Mariya aja kuramutsa Elizabeti
39Muri iyo misi, Mariya aritegura, aduga yihuta aja mu misozi y’i Yudaya, mu gisagara, 40Zakariya yabamwo. Ashitse, aramutsa umugore wiwe Elizabeti. 41Na we yumvise indamukanyo ya Mariya, umwana yari mu nda yiwe ariginagura. Elizabeti aca yuzuzwa Mpwemu Yera, 42avuga n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bandi bagore bose, n’umwana ari mu nda yawe arahezagiwe. 43Mbega nari iki kugira ngo nyina w’Umwami wanje angendere? 44Nabaye ncumva indamukanyo yawe, umwana ari mu nda aca ariginagura kubera umunezero. 45Urahiriwe kuko wizeye ko ivyo Umwami Imana yavuze bizoshika.”
Mariya ahimbaza Imana
46Mariya aravuga ati:
“Umutima wanje urahimbaza Umwami Imana,
47kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,
48kuko yibutse
umusavyikazi wayo muto.
Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,
49kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye,
izina ryayo ni iryera.
50Igirira imbabazi abayubaha,
uko uruganwe rukurikirana n’urundi.
51Ukuboko kwayo kwakoze ivy’inkomezi;
yashwiragije abishira hejuru mu mitima yabo.
52Yakuye abatware ku ntebe z’inganji,
ishira hejuru abaciye bugufi.
53Yahagije ivyiza abashonje,
yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.
54Yatabaye umusavyi wayo Isirayeli,
yibuka kugirira imbabazi
55Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose,
nk’uko yari yarabisezeraniye ba sogokuruza.”
56Nuko Mariya amarana na Elizabeti amezi nk’atatu, araheza arataha.
Ivuka rya Yohana Umubatizi
57Igihe ciwe co kwibaruka kigeze, Elizabeti yibaruka umwana w’umuhungu. 58Incuti n’ababanyi bumvise ko Umwami Imana yamugiriye ubuntu, banezeranwa na we.
59Umwana amaze imisi umunani, bamujana kumukeba#1:59 Nk’uko vyategekwa n’Ivyagezwe vya Mose.. Bagira bamwite izina rya se Zakariya, 60nyina arahakana, avuga ati: “Oya, izina ryiwe ni Yohana.”
61Na bo baramubwira bati: “None ko ata n’umwe wo mu muryango wanyu yitwa iryo zina!”
62Baca babaza se bakoresheje ibimenyetso ngo ababwire izina ashaka ko bita umwana wiwe. 63Zakariya aca asaba ico kwandikako, yandika ati: “Izina ryiwe ni Yohana.” Bose baratangara. 64Ubwo nyene akanwa kiwe gaca karuguruka, ururimi ruragoboroka, aca atangura kuvuga ahimbaza Imana. 65Abari aho bose bafatwa n’ubwoba, kandi iyo nkuru yamamara mu misozi yose y’i Yudaya. 66Abavyumva bose vyabatera kwibaza mu mitima bati: “None uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko vyaraboneka ko ubushobozi bw’Umwami Imana bwari kuri we.
Ukuvugishwa kwa Zakariya
67Se Zakariya, yuzuye Mpwemu Yera, atangura kuvugishwa ati:
68“Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli,
kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.
69Iduhagurukirije Umukiza ahambaye
mu nzu ya Dawidi, umusavyi wayo
70nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera,
71izodukiza abansi bacu,
iturokore no mu maboko y’abatwanka.
72Yagiriye imbabazi ba sogokuruza,
yibuka isezerano ryayo ryera,
73ari yo ndahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu;
74ko izodukiza agahahazo k’abansi bacu,
ikadushoboza kuyikorera ata bwoba,
75mu kwera no mu kuyigororokera imisi yose yo kubaho kwacu.
76Kandi nawe, mwana wanje,
uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose,
kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana,
ukamutegurira inzira.
77Uzokwigisha abantu biwe inzira y’agakiza
kava mu guharirwa ivyaha vyabo.
78Kubw’imbabazi nyinshi z’Imana yacu,
umuco w’igitondo ugiye kuturasira uvuye mw’ijuru,
79kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima
n’abari mu gitutu c’urupfu,
wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro.”
80Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.
Currently Selected:
Luka 1: BKC
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.