3
Amahanga acirwa urubanza
1“Muri iyo misi no muri ico gihe,
aho nzogarukanira Abayuda n’ab’i Yerusalemu,
2nzokwegeranya amahanga yose
ndayakoranirize mu kiyaya ca Yehoshafati.
Aho ni ho nzobageragereza
kubera ivyo bakoreye umugabane wanje,
ari bo bantu banje b’Abisirayeli,
kuko basanzaje abantu banje mu mahanga
bakagabura igihugu canje.
3Bagize ubupfindo ku bantu banje;
bagurisha abahungu ngo baronke ba maraya,
bakagurisha abakobwa kugira ngo baronke umuvinyu ukwiye wo kunywa.
4None ga Tiro na Sidoni munyagiriza iki, mwe n’intara ziri kumwe namwe z’i Bufilisitiya? Mbega munyihora ico nabakoreye? Nimwaba muriko muranyihora, nzobasubizako vuba kandi vyihuta ivyo mwakoze. 5Kuko mwafashe ifeza zanje n’inzahabu zanje, mugatwara ivyarusha ibindi kuba vyiza mu butunzi bwanje mubijana mu ngoro zanyu. 6Mwagurishije abantu banje b’i Buyuda n’i Yerusalemu ku Bagiriki, kugira ngo mubarungike kure y’igihugu cabo.
7Raba, ngiye kubavyura ndabakure aho mwabagurishije hose, kandi nzosubiza kuri mwebwe nyene ivyo mwakoze. 8Nzogurisha abahungu banyu n’abakobwa banyu ku bantu b’i Buyuda, maze na bo bazobagurisha ku Basabeya, ihanga rya kure.” Ni ko Uhoraho avuze.
9Nimubimenyeshe mu mahanga:
Nimwitegurire intambara!
Kangura abahizi!
Abagwanyi bose nibegere hafi batere.
10Ivyuma birima vy’imikogote yanyu mubicuremwo inkota
imihoro yanyu muyicuremwo amacumu.
Umunyantegenke avuge ati:
“Ndakomeye!”
11Nimuze munyaruka, yemwe mahanga mwese muve mu mpande zose,
mukoranireyo.
Manukana abagwanyi bawe, ewe Uhoraho!
12“Amahanga navyuke;
yose aje mu kiyaya ca Yehoshafati,
kuko aho ari ho nzokwicara
maze ncire imanza amahanga yose yo mu mpande zose.
13Bangura umuhoro,
kuko iyimbura rigeze.
Nimuze, mugane inzabibu,
kuko ubwato bwuzuye
kandi ubwato bwo kuganiramwo bukaba busesekaye,
ibibi vyabo ni vyinshi!”
14Ibihumbi n’ibihumbi
bari mu kiyaya c’imanza!
Kuko umusi w’Uhoraho uri hafi
mu kiyaya c’imanza.
15Izuba n’ukwezi bizokwirabura nk’umwijima,
kandi n’inyenyeri ntizizoba zigikayangana.
16 Uhoraho azokwivuga ari i Siyoni
kandi azoturagara ari i Yerusalemu;
isi n’amajuru bizohinda agashitsi.
Ariko Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro,
umunara wo guhungiramwo w’Abisirayeli.
Imigisha izoba ku bantu b’Imana
17“Ni ho muzomenyera ko jewe, Uhoraho Imana yanyu,
mba i Siyoni, umusozi wanje wera.
Yerusalemu hazoba ahera;
abanyamahanga ntibazosubira kuhatera.
18Kuri uwo musi imisozi izotembako umutobe w’umuvinyu,
n’uturambi tuzotembako ubuki;
imyonga yose y’i Buyuda itembemwo amazi.
Isoko izotemba iva mu Ngoro y’Uhoraho
kandi izovomera ikiyaya c’iminyinya.
19Ariko Egiputa hazoba umusaka,
Edomu habe ubugaragwa,
kubera ibibi bakoreye abantu b’i Buyuda,
igihugu basheshemwo amaraso y’abatagira icaha.
20I Buyuda n’i Yerusalemu hazoba abantu ibihe vyose
uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.
21Sinzoshirwa ntahoye amaraso y’abatagira icaha.
Haba na mba.”
Uhoraho ahangamye i Siyoni!