2
Igitero c’inzige
1Nimuvuze inzamba i Siyoni;
muvuze akamo k’intambara ku musozi wanje wera.
Ababa mu gihugu nibahinde agashitsi,
kuko umusi w’Uhoraho ushitse.
Uregereje uri hafi,
2umusi w’umwijima w’umuzitanya,
umusi w’ibicu n’umuzimagiza.
Nk’uko umutwenzi uza ku misozi
ni ko ingabo z’inkomezi nyinshi zije,
ntivyari bwabe muri kahise
kandi ntibizosubira kubaho muri kazoza.
3Imbere yabo umuriro uratongora,
inyuma yabo imbeya zirarabagiza.
Imbere yabo igihugu kimeze nk’itongo rya Edeni,
inyuma yabo, ni ubugaragwa,
nta na kimwe basigaza.
4Bafise ishusho y’amafarasi;
biruka nk’abagwanira ku mafarasi.
5Urwamo rwabo ni nk’urw’imikogote
Basimbagurika ku dutwe tw’imisozi,
bameze nk’umuriro utongora isakamburira,
ni nk’ingabo z’inkomezi zigiye mu ntambara.
6Imbere yabo, amahanga ahinda agashitsi;
mu maso h’abantu bose harahindurira.
7Batera nk’abahizi;
burira inzitiro nk’abasoda.
Bose bagenda ku murongo,
nta n’umwe ahesha ngo aje ku ruhande.
8Nta n’umwe agunda mugenziwe;
umwe wese agenda aramirije imbere yiwe;
binjira baciye mu mpome
nta kibatangira.
9Bitera mu gisagara;
biruka inyuma y’uruzitiro.
Barurira bakitera mu mazu;
binjira baciye mu madirisha kurya kw’ibisuma.
10Imbere yabo isi iratigita,
n’amajuru agahinda agashitsi
izuba n’ukwezi bicuze umwijima,
n’inyenyeri ntizicaka.
11 Uhoraho araturagaye
ari imbere y’ingabo ziwe;
ingabo ziwe ntiziharurika,
kandi ingabo zimuyoboka ni inyenkomezi.
Umusi w’Uhoraho urahambaye;
ni umusi wo guhonya.
Ni nde azoshobora kuwihanganira?
Nimujanjagure imitima yanyu
12“Mbere n’ubu nyene,” ni ko Uhoraho avuze,
“nimungarukeko n’umutima wanyu wose,
mwisonzesha, murira kandi mugandaye.”
13Imitima yanyu nibe ari yo mutabura
mureke impuzu zanyu.
Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu,
kuko ari umunyabuntu agira imbabazi,
ateba kuraka kandi agira urukundo rwinshi,
kandi arigarura ngo ntarungike ivyago.
14Hari uwubizi? Ashobora kwigarura
akabasigarana umugisha
w’amashikanwa y’amafu n’ay’ibinyobwa
mushikanira Uhoraho Imana yanyu.
15Nimuvuze inzamba i Siyoni,
nimuhamagarire abantu ukwisonzesha kwera,
mukoranye ikoraniro ryera.
16Nimukoranye abantu,
mugire ikoraniro ryera;
nimukoranye abakurambere,
egeranya abana,
mukoranye n’abakiri kw’ibere.
Uwarongoye nasohoke
n’umugeni ave mu nkinga.
17Abaherezi bakorera imbere y’Uhoraho,
nibaririre hagati y’urwinjiriro n’igicaniro.
Nibavuge bati: “Ziguriza abantu bawe, yewe Uhoraho.
Ntuhindure umugabane wawe agatwengo,
canke akamenyo hagati mu mahanga.
Ni kubera iki mu mahanga bobaza bati:
‘Mbega Imana yabo iri hehe?’ ”
Inyishu ivuye k’Uhoraho
18Maze Uhoraho agirira urukundo rwinshi igihugu ciwe
kandi agirira akagongwe abantu biwe.
19 Uhoraho arabishura ati:
“Nzobarungikira ingano, umutobe musha w’umuvinyu n’amavuta ya elayo,
bikwiye vyo kubahaza;
sinzokwongera kubahindura
agatwengo mu mahanga.
20Nzokwirukana abansi banyu bo mu buraruko baje kure y’aho muri,
ndabahindagize gushika mu gihugu kigadutse c’ubugaragwa.
Umuce wabo wo mu buseruko nzowirukanira mu Kiyaga c’Umunyu,
maze umuce wo mu burengero ndawurungike mu Kiyaga Mediterane.
Kandi ukubora kwabo kuzomenyekana
n’ukunuka kw’imivyimba yabo kuzoduga mu kirere.”
Koko yakoze ibikomeye!
21Ntimutinye, yemwe ababa i Buyuda;
nimunezerwe kandi muhimbarwe.
Ni ukuri Uhoraho yakoze ibikomeye!
22Ntimutinye, yemwe bikoko vyo mw’ishamba,
kuko uburagiro bwo mu bugaragwa butanguye gutotahara.
Ibiti biriko birama ivyamwa vyavyo;
imisukoni n’imizabibu vyama ivyimburwa vyavyo.
23Nimunezerwe, bantu b’i Siyoni,
nimunezererwe Uhoraho Imana yanyu,
kuko yabahaye imvura y’impeshi
abitewe n’uko ari umwizigirwa.
Abaha imvura nyinshi,
yo ku mpeshi n’iyo mu rushana, nk’uko vyahora.
24Imbuga zizokwuzura ingano;
amato azosesekara imitobe y’umuvinyu n’amavuta.
25“Nzogushumbusha imyaka yariwe n’inzige;
inzige nininini n’abana b’inzige,
hamwe n’ubundi bwoko bw’inzige,
ari zo ngabo zanje zihambaye, izo narungitse muri mwebwe.
26Muzoronka umusesekara w’ivyokurya, muhage,
kandi muzohimbaza izina ry’Uhoraho Imana yanyu,
yakoreye ibitangaza muri mwebwe;
kandi abantu banje ntibazosubira kumaramara.
27Ni ho muzomenya ko ndi mu Bisirayeli,
ko ndi Uhoraho Imana yanyu,
kandi ko ata yindi iriho;
abantu banje ntibazokwigera basubira kumaramara.
Umusi w’Uhoraho
28Kandi hanyuma y’ivyo,
nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose.
Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovugishwa,
abatama banyu bazorota indoto,
n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.
29N’abasavyi banje, abagabo n’abagore,
nzobasukako Mpwemu wanje muri iyo misi.
30Nzokwerekana ibimenyetso mw’ijuru
no kw’isi,
amaraso n’umuriro n’ugupfunduka kw’umwotsi.
31Izuba rizohinduka umwijima,
ukwezi guhinduke guse n’amaraso
imbere y’uko uwo musi uhambaye w’agatikizo kandi w’Uhoraho ushika.
32Kandi umuntu wese azokwambaza
izina ry’Uhoraho azokizwa;
kuko ku musozi Siyoni n’i Yerusalemu
hazoba ugutabarwa,
nk’uko Uhoraho yavuze,
mbere no mu bazoba barokotse ivyago
abo Uhoraho azohamagara.”