YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 5

5
Yesu akiza umuntu ku kidengeri
1Hanyuma y’ivyo, Yesu aduga i Yerusalemu ku musi mukuru w’Abayuda. 2Aho i Yerusalemu, hafi y’irembo ry’intama, hari ikidengeri citwa Betesida mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu. 3Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo impumyi, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka. 4Kuko rimwe na rimwe umumarayika w’Umwami Imana yaramanuka akazikurura amazi. Maze uwa mbere aterewe mu kidengeri amazi azikurutse, yaca akira ingwara iyo ari yo yose yaba arwaye.]#5:4 Mu nzandiko zimwezimwe za Bibiliya aya majambo ntarimwo. 5Umwe muri bo, yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani arwaye. 6Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire arwaye, aramubaza ati: “Urashaka gukira?”
7Wa muntu arwaye aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta muntu mfise wo kunterera mu kidengeri iyo mazi azikurutse; kuko nkiriko ndagerageza kujayo, nsanga hari uwantanzeyo.”
8Maze Yesu aramubwira ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe ugendagende.” 9Ubwo nyene wa muntu arakira, aterura ikirago ciwe atangura kugendagenda.
Ivyo vyabaye ku musi w’Isabato. 10Abakuru b’Abayuda babwira wa muntu yakize bati: “Uwu ni umusi w’Isabato; ivyagezwe ntibikwemerera kwikorera ikirago cawe.”
11Arabishura ati: “Umuntu yankijije ni we yambwiye ati: ‘Ikorere ikirago cawe ugendagende.’  ”
12Na bo baramubaza bati: “Ni nde yakubwiye ngo wikorere ikirago cawe ugendagende?”
13Wa muntu yakize ntiyari azi uwamukijije awo ari we, kuko Yesu yaciye yigira, kandi aho hantu hari abantu benshi.
14Mu nyuma, Yesu amusanga mu rusengero aramubwira ati: “Urabona ko wakize! Ntuze usubire gucumura kugira ngo ntuze ushikirwe n’icago kirengeye ico wahorana.” 15Wa muntu aca aragenda abwira ba bakuru b’Abayuda ko ari Yesu yamukijije.
Ububasha bw’Umwana w’Imana
16Nuko abakuru b’Abayuda batangura guhama Yesu, kuko yakoze ivyo ku musi w’Isabato. 17Ariko Yesu arababwira ati: “Gushika n’ubu Data ariko arakora; kandi nanje ndiko ndakora.” 18Ivyo vyatumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica; kuko uretse kutubahiriza Isabato, yavuze ko Imana ari Se, gutyo yigira uwungana n’Imana.
19Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora. 20Kuko Se arakunda Umwana akamwereka ivyo ariko arakora vyose. Ndetse azomwereka ibikorwa bikomeye kuruta ibi, kugira ngo mwumirwe. 21Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha. 22Vyongeye, Data nta muntu acira urubanza. Ahubwo yahaye Umwana ububasha bwose bwo guca imanza, 23kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.
24 Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo. 25Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo. 26Nk’uko Data afise ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubwo bugingo muri we. 27Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.
28 Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe, 29hanyuma bazuke. Abakoze ivyiza, bazozukira ubugingo, abakoze ibibi na bo bazukire gutsindwa n’urubanza. 30Jewe nta co nshobora gukora nigeneye. Nca urubanza nkurikije ivyo Data ambwiye gusa, kandi urubanza rwanje ruragororotse, kuko ntakora ivyo nigombeye, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba.
Ibishingira intahe Yesu
31 Nimba nishingira intahe, intahe yanje si iy’ukuri. 32Hari uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri.
33 Mwatumye intumwa kuri Yohana, kandi intahe yanshingiye ni iy’ukuri. 34Si ukuvuga ko nkeneye intahe z’abantu; ariko ibi ndabivuze kugira ngo mukizwe. 35Yohana yari nk’itara ryaka rikabonesha, kandi mwamaze igihe munezererewe umuco wiwe.
36 Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye. 37Kandi na Data yantumye ubwiwe aranshingira intahe. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mumubone amaso mu yandi, 38kandi n’ijambo ryiwe ntiriguma muri mwebwe, kuko mutizera uwo yatumye. 39Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe, 40yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.
41 Jewe sindondera gushimwa n’abantu, 42kuko ndabazi, ndazi ko ata gukunda Imana kuri mu mitima yanyu. 43Naje mw’izina rya Data, ariko ntimwanyakira; yamara nihagira uwundi aza mw’izina ryiwe ubwiwe, muzomwakira. 44Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?
45 Ariko ntimwibaze ko ari jewe nzobagiriza imbere ya Data. Uwubagiriza ni Mose, uwo mwizigiye. 46Iyo mwizera Mose, nanje mwonyizeye, kuko yanditse avuga kuri jewe. 47None nimba mutizera ivyo yanditse, mwokwizera gute amajambo yanje?”

Currently Selected:

Yohana 5: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy