YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 4

4
Yesu avugana n’Umusamariyakazi
1Nuko Yesu yumva ko Abafarisayo bamenye ko aronka kandi akabatiza abigishwa benshi kurusha Yohana. 2Ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, ahubwo bari abigishwa biwe. 3Nuko aca ava i Yudaya asubira i Galilaya.
4Mu kujayo, vyabaye ngombwa ko aca i Samariya. 5Nuko ashika mu gisagara c’i Samariya citwa Sukara, hafi y’itongo Yakobo yari yarahaye umuhungu wiwe Yosefu. 6Aho ni ho hari iriba rya Yakobo. Yesu aruhijwe n’urugendo, yicara kuri iryo riba. Aho hari nk’isaha zitandatu z’umurango.
7Nuko haza umugore w’Umunyasamariya kuvoma amazi, Yesu aramubwira ati: “Mpa amazi yo kunywa.” 8(Ico gihe, abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kurondera ivyokurya.)
9Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)
10Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”
11Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta co ufise co kuvomesha kandi iriba ni rirerire. Ayo mazi y’ubugingo woyakura he? 12Wewe uruta sogokuruza Yakobo yaduhaye iri riba kandi na we ubwiwe akanywa amazi yaryo, n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe?”
13Yesu aramwishura ati: “Umuntu wese anywa kuri aya mazi azosubira kugira inyota, 14ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”
15Wa mugore aramubwira ati: “Nyakwubahwa, mpa kuri ayo mazi kugira ngo sinzosubire kunyoterwa ngo name nza ngaha kuvoma.”
16Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe uce ugaruka.”
17Aramwishura ati: “Nta mugabo mfise.”
Yesu aramubwira ati: “Uvuze ukuri! Nta mugabo ufise. 18Kuko wabanye n’abagabo batanu, kandi n’uwo muri kumwe ubu si umugabo wawe. Ivyo uvuze ni ukuri.”
19Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana. 20Ba sogokuruza basengera kuri uwu musozi, ariko mwebwe Abayuda muvuga ko ikibanza co gusengeramwo ari i Yerusalemu.”
21Yesu aramwishura ati: “Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uwu musozi canke i Yerusalemu. 22Mwebwe Abasamariya musenga ico mutazi, ariko twebwe dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda. 23Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera. 24Imana ni impwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu Mpwemu no mu kuri.”
25Wa mugore aravuga ati: “Ndazi ko Mesiya (yitwa Kristo) azoza. Niyaza, azodusobanurira vyose.”
26Yesu aramubwira ati: “Jewe nyene turiko turavugana, ni jewe Kristo.”
Abigishwa bagaruka aho Yesu ari
27Muri ako kanya, abigishwa biwe baragaruka, maze batangazwa cane no kubona Yesu ariko aravugana n’umugore. Ariko ntihagira uwubahuka kumubaza ati: “Ushaka iki?” canke ati: “Ni kuki uvugana n’uwo mugore?”
28Wa mugore asiga umubindi wiwe kw’iriba, asubira mu gisagara, abarira abantu ati: 29“Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ashobora kuba ari we Kristo.” 30Nuko baca barasohoka bava mu gisagara baja iyo Yesu ari.
31Muri ico gihe, abigishwa bariko baramwinginga bati: “Rabi, gira ico ufunguye.”
32Ariko arababwira ati: “Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi.”
33Abigishwa barabazanya bati: “Mbega hari uwoba yamuzaniye ivyokurya?”
34Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe. 35Mbega ntimuvuga ngo: ‘Hasigaye amezi ane ngo iyimbura rishike’? Umve ndababwire, nimwunamure amaso yanyu murabe! Imirima ireze, igeze kwimbura. 36N’ubu, uwimbura ariko arahabwa impembo yiwe kandi ariko aregeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira, kugira ngo uwubiba n’uwimbura bazonezeranwe. 37Kuko wa mugani uvuga ukuri ngo: ‘Umwe arabiba, uwundi akimbura.’ 38Nabarungitse kwimbura aho mutabiriye akuya. Abandi baracumukuye, none ni mwebwe mwironkeye inyungu mu buruhe bwabo.”
Abasamariya benshi bizera Yesu
39Nuko Abasamariya benshi bo muri ico gisagara bizera Yesu kubera wa mugore yababwiye ati: “Yambwiye ivyo nakoze vyose.” 40Bashitse aho ari, baramwinginga ngo agumane na bo, maze ahamara imisi ibiri. 41Kandi kubera amajambo yiwe, n’abandi benshi barizera.
42Babwira wa mugore bati: “Ubu ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa; kuko twamwiyumviye, kandi twamenye neza ko ari we Mukiza w’isi.”
Yesu akiza umwana w’umutware
43Haheze imisi ibiri, Yesu ava i Samariya aja i Galilaya. 44(Yesu ubwiwe yari yaravuze ko ata wuvugishwa n’Imana ahabwa iteka mu gihugu ciwe.) 45Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwakira. Bari barabonye ivyo yakoreye i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, kuko ari yo bari bari.
46Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu arwariye i Kaperinawumu. 47Yumvise ko Yesu yashitse i Galilaya avuye i Yudaya, aja iyo ari aramwinginga ngo aje i Kaperinawumu amukirize umuhungu wiwe yari ku mpfiro.
48Yesu aramubwira ati: “Mbega ntimushobora kwizera mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza?”
49Wa mutware akora i bwami aramubwira ati: “Nyakwubahwa, ingo tujane iwanje umwana wanje ataracikana.”
50Yesu aramwishura ati: “Nutahe, umwana wawe ni muzima.”
Nuko wa muntu yizera amajambo ya Yesu, aca arataha. 51Akiri mu nzira, abakozi biwe baza kumusanganira bamubwira ko umuhungu wiwe ari muzima. 52Ababajije igihe umuhungu wiwe yakiriye, bamubwira bati: “Ejo isaha indwi z’umuhingamo ni ho umururumbo wahera.”
53Se w’umwana aca asanga hari kuri ya saha Yesu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Nuko aca yizera Yesu we n’abo mu nzu yiwe bose.
54Iki cabaye igitangaza ca kabiri Yesu yakoze agarutse i Galilaya avuye i Yudaya.

Currently Selected:

Yohana 4: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy