YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 2

2
Yesu ahindura amazi umuvinyu
1Haciye imisi ibiri, haba ubukwe ahantu hitwa Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari ari. 2Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe. 3Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: “Nta muvinyu basigaranye.”
4Yesu aramwishura ati: “Muvyeyi, ivyo hari ico biturabako? Igihe canje ntikirashika?”
5Ariko Mariya abwira abakozi ati: “Ico ababwira cose mugikore.”
6Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kujamwo nk’amaritiro ijana.
7Yesu abwira abakozi ati: “Nimwuzuze izo mpange amazi.” Nuko barazuzuza gushika ku mbiga.
8Maze arababwira ati: “Nimudaheko mushire umuteretsi.”
Na bo babikora nk’uko ababwiye. 9Nuko wa muteretsi yumviriza ya mazi yari yamaze guhinduka umuvinyu. Ntiyari azi aho yavuye, ariko abakozi bayadashe bo bari bahazi. Ni ko guhamagara umukwe, 10amubwira ati: “Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!”
11Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.
12Hanyuma y’ivyo, Yesu aja i Kaperinawumu ari kumwe na nyina, na bene nyina n’abigishwa biwe, bahamara imisi mike.
Yesu yirukana abadandariza mu rusengero
13Imisi mikuru ya Pasika y’Abayuda yegereje, Yesu aduga i Yerusalemu. 14Ashitse mu rusengero, ahasanga abantu bariko baradandaza inka, intama n’inuma; n’abandi bicaye bariko baravunja amafaranga ku mameza. 15Yesu atora imigozi ayitsibamwo ikimoko, yirukana abantu bose mu rusengero, asohora n’intama n’inka, asanzaza ibiceri vy’abavunja amafaranga, atembagariza n’imeza zabo hasi. 16Abariko baragurisha inuma arababwira ati: “Sohora ibi bintu! Reka guhindura inzu ya Data isoko!” 17Abigishwa biwe baca baribuka ijambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga ngo: “Ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro.”#2:17 Zaburi 69:9
18Abayuda baramubaza bati: “Ni ikihe gitangaza wokora cotwereka ububasha ufise bwo gukora ibi?”
19Yesu arabishura ati: “Nimusambure uru rusengero, nanje ndarwubaka mu misi itatu.”
20Na bo baramwishura bati: “Kwubaka uru rusengero vyafashe imyaka mirongo ine n’itandatu, none nawe uvuga ko worwubaka mu misi itatu?” 21Ariko Yesu yavuze urusengero, ashaka kuvuga umubiri wiwe. 22Amaze kuzuka, abigishwa biwe baciye bibuka ko ivyo yari yarabivuze, baca bizera Ivyanditswe n’amajambo Yesu yari yaravuze.
23Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora. 24Ariko Yesu ntiyabizigira kuko yari azi imitima yabo bose. 25Ntiyari akeneye ko bamubwira uko umuntu ameze, kuko yari azi ibiri mu mutima w’umuntu wese.

Currently Selected:

Yohana 2: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy