YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 1

1
Jambo yigize umuntu
1Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana. 2Yari kumwe n’Imana mu ntango ya vyose. 3Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje. 4Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu. 5Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwawumenye.
6Imana yatumye umuntu yitwa Yohana, 7aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe. 8Yohana ubwiwe si we yari uwo muco; ahubwo yaje ari icabona co gushingira intahe uwo umuco.
9Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi. 10Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye. 11Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira. 12Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana. 13Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.
14Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.
15(Yohana yamushingiye intahe aho yasemerera ati: “Uwu ni we navugako igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane kuko yariho jewe ntarabaho.’ ”) 16Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi. 17Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo. 18Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.
Yohana Umubatizi avuga ko atari Kristo
19Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we. 20Ntiyatinye kubishura, ahubwo yabivuze avyemanga ati: “Jewe sindi Kristo.”
21Na bo baramubaza bati: “None uri nde? Woba uri Eliya?”
Na we ati: “Sindi we.”
Na bo bati: “Woba uri wa muvugishwa n’Imana?”
Arabishura ati: “Oya.”
22Ubwa nyuma, baravuga bati: “None uri nde? Tubwire ico tuja kwishura abadutumye. Wewe uvuga ko uri nde?”
23Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’#1:23 Yesaya 40:3
24Mu bari barungitswe kubaza Yohana harimwo Abafarisayo. 25Nuko baramubaza bati: “None nimba utari Kristo, ntube Eliya, canke uwuvugishwa n’Imana, ni kuki ubatiza?”
26Yohana arishura ati: “Jewe mbatiza abantu mu mazi, ariko hagati muri mwebwe hahagaze umuntu mutazi. 27Uwo ni we aza inyuma yanje, ariko ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.”
28Ivyo vyose vyabereye ahitwa Betaniya, hakurya y’uruzi Yorodani, aho Yohana yabatiriza.
Yohana ashingira intahe Yesu
29Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi. 30Uwu ni we navuga, igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane, kuko yariho jewe ntarabaho.’ 31Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko icatumye nza mbatiza mu mazi, kwari ukugira ngo ahishurirwe Abisirayeli.”
32Maze Yohana ashinga intahe avuga ati: “Nabonye Mpwemu Yera amanuka ava mw’ijuru mw’ishusho y’inuma, amugumako. 33Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’ 34Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”
Abigishwa ba Yohana bakurikira Yesu
35Ku musi ukurikira, Yohana yari ahagaze ha handi nyene ari kumwe na babiri mu bigishwa biwe. 36Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”
37Ba bigishwa biwe babiri bavyumvise, baca bakurikira Yesu. 38Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?”
Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”
39Arabishura ati: “Nimuze muhirabire.”
Aho hari nk’isaha cumi. Nuko bajana na we, babona aho yatse indaro, baca bamarana na we uwo muhingamo.
40Umwe muri ba bigishwa babiri bumvise ivyo Yohana yavuze bagaca bakurikira Yesu, yitwa Andereya kandi yavukana na Simoni Petero. 41Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo). 42Maze aca amuzana aho Yesu ari.
Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).
Yesu ahamagara Filipo na Natanayeli
43Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”
44Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo. 45Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”
46Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?”
Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”
47Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”
48Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?”
Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”
49Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”
50Yesu aramwishura ati: “Wizeye kubera nakubwiye ko nakubonye igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibihambaye kurusha ivyo.” 51Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”

Currently Selected:

Yohana 1: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy