YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 14

14
Yesu ahumuriza abigishwa biwe
1 “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana kandi nanje munyizere. 2Mu nzu kwa Data hari ivyumba vyinshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira. 3Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi. 4Kandi murazi inzira ijayo.”
Yesu ni inzira, ukuri n’ubugingo
5Toma aramubaza ati: “Mwami, ntituzi iyo ugiye kuja, none twomenya inzira ijayo gute?”
6Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko. 7Iyo muja kuba munzi vy’ukuri, mwari kuba muzi na Data. Noneho kuva ubu muramuzi kandi mwaramubonye.”
8Filipo aramubwira ati: “Mwami, twereke Data, ivyo bizoba bikwiye.”
9Yesu aramwishura ati: “Filipo, inyuma y’iki gihe cose tumaranye, uracavuga ko utanzi? Uwumbonye wese aba abonye Data! None ni kuki uvuze uti: ‘Twereke Data’? 10Mbega ntiwizera ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigenera, ahubwo Data ambamwo ni we akorera muri jewe igikorwa ciwe. 11Nimube munyizera iyo ndababwiye ko ndi muri Data, Data na we akaba muri jewe; canke na ho, munyizere kubera ibikorwa mwabonye nkora. 12Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data. 13Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana. 14Ni ukuri, ico muzosaba cose mw’izina ryanje, nzogikora.
Yesu asezerana kurungika Mpwemu Yera
15 Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje. 16Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose, 17ni we Mpwemu w’ukuri. Isi ntishobora kumwakira, kuko itamubona kandi itamuzi. Ariko mwebwe muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe. 18Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri. 19Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho. 20Uwo musi niwashika, muzotahura ko ndi muri Data, kandi ko namwe muri muri jewe, nanje nkaba muri mwebwe. 21Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke.”
22Nuko Yuda (atari Isikariyote) aramubaza ati: “Mwami, ni kuki ushaka kwihishurira twebwe, aho kwihishurira isi?”
23Yesu aramwishura ati: “Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we. 24Uwutankunda ntazoshira mu ngiro inyigisho zanje. Kandi aya majambo mwumva si ayo nigeneye; ariko ni aya Data yantumye.
25 Ibi ndabibabwiye nkiri kumwe namwe. 26Ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw’izina ryanje, azobigisha vyose yongere abibutse ivyo nababwiye vyose. 27Amahoro yanje ndayabasigaranye, kandi amahoro yanje ndayabahaye. Jewe singaba nk’uko isi igaba. None rero ntimuhagarike imitima canke ngo mugire ubwoba.
28 Mwibuke ivyo nababwiye: Ngiye kugenda ariko nzogaruka aho muri. Iyo muba munkunda, mwari kunezerezwa n’uko ngiye kuja kwa Data, kuko Data aranduta cane. 29Ibi ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo nivyashika muze mwizere. 30Nta mwanya ngifise wo kubabwira vyinshi, kuko umutware w’iyi si agira aze. Jewe nta bubasha amfiseko, 31ariko aje kugira ngo isi imenye ko nkunda Data kandi ko nkora nk’uko Data yantegetse.
Nimuhaguruke, tugende.

Currently Selected:

Yohana 14: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in

YouVersion uses cookies to personalize your experience. By using our website, you accept our use of cookies as described in our Privacy Policy