Hagayi 1:8-9
Hagayi 1:8-9 BKC
Nimuduge mu misozi muzane ibiti maze mwubake Ingoro yanje, kugira ngo inezereze kandi impeshe icubahiro,” ni ko UHORAHO avuze. “Mwari mwiteze kwimbura vyinshi, ariko raba, mwimbuye bike. Ivyo mwashikanye mu ngo ntuma bikeha. Ni kubera iki?” ni ko UHORAHO Mushoboravyose abaza. “Ni kubera inzu yanje, yagumye ari umusaka, mu gihe umwe wese muri mwebwe yitwararitse kwubaka neza inzu yiwe.





