Itanguriro 34
34
Dina na Shekemu
1Umusi umwe, Dina umukobwa Leya yavyaranye na Yakobo, aja kuramutsa abakobwa bamwe bo muri ico gihugu. 2Shekemu mwene Hamori Umuhiwi, umukuru w’ico gihugu, abonye Dina, aramufata amusambanya ku nguvu. 3Mu nyuma yumva akunze Dina, umukobwa wa Yakobo, agerageza kumukwegesha amajambo meza. 4Maze Shekemu abwira se Hamori ati: “Nsabira uwu mukobwa, nshaka ko ambera umugore.”
5Mu nyuma, Yakobo yumva ko Shekemu yononye umukobwa wiwe Dina. Kubera ko abahungu biwe bari baragiye imikuku mu gahinga, arahora kugeza bagarutse.
6Maze Hamori, se wa Shekemu, aja kwa Yakobo kugira ngo babivugane, 7igihe abahungu ba Yakobo bari batashe bavuye mu gahinga. Bavyumvise barababara cane bashavuzwa cane n’ingene Shekemu yakoze ibidakorwa muri Isirayeli, agasambanya ku nguvu umukobwa wa Yakobo.
8Hamori agerageza kuvugana na Yakobo n’abahungu biwe ati: “Umuhungu wanje Shekemu yakunze umukobwa wawe, ndakwinginze umumuhe amubere umugore. 9Kandi twemerere tunywane. Muduhe abakobwa banyu barongorwe n’abahungu bacu; natwe tubahe abakobwa bacu barongorwe n’abahungu banyu. 10Murashobora kugumana natwe, igihugu kiruguruye. Murashobora kuba aho mushaka hose, mukadandaza, mukagura n’amatongo.”
11Shekemu na we abwira se wa Dina na basazawe ati: “Ndasavye mungirire imbabazi, kandi ico munsaba cose ndagitanga. 12Munsabe inkwano n’ingabire mushaka zose, ico munsaba cose ndagitanga; ariko mumumpe ambere umugore.”
13Kubera ko Shekemu yari yononye Dina mushiki wabo, abahungu ba Yakobo bishura Shekemu na se Hamori mu buryarya. 14Barababwira bati: “Ntidushobora gutanga mushiki wacu ngo arongorwe n’umugabo atakebwe; ico ni ikintu c’iterasoni kuri twebwe. 15Ivyo twovyemera twumvikanye ibi bikurikira: Mwemere kumera nk’uko tumeze, izina muhungu wese muri mwebwe akebwe. 16Aho ni ho dushobora kubaha abakobwa bacu, natwe tukarongora abakobwa banyu. Tuzoheza tubane namwe, maze tube ihanga rimwe. 17Ariko nimutatwumvira, ntimwemere gukebwa, duca twakira umukobwa wacu twigire.”
18Ayo majambo aryohera Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu. 19Shekemu ntiyatevye gukora ivyo bamusavye, kuko yari yakunze umukobwa wa Yakobo cane. Kandi yari yubashwe mu muryango wa se. 20Hamori na Shekemu baja kw’irembo ry’igisagara cabo bavugana n’abagabo bo mu gisagara bati: 21“Aba bantu ni abanyamahoro. Muze tubareke babane natwe muri iki gihugu, bahadandarize ata nkomanzi. Igihugu ni kinini cobakwira. Turashobora kurongora abakobwa babo, na bo bakarongora abakobwa bacu. 22Ariko ikizotuma bagumana natwe tukaba ihanga rimwe, ni uko abahungu bacu bose bakebwa nka bo. 23Ivyo tubikoze, imikuku yabo n’ibindi vyose batunze bizohinduka ivyacu. Muze twemere ivyo badusaba gusa, kugira ngo babane natwe.”
24Nuko abagabo bose basohokera muri iryo rembo bemera inama ya Hamori n’umuhungu wiwe Shekemu, maze izina muhungu wese wo muri ico gisagara arakebwa.
25Haheze imisi itatu, ibikomere vyabo bikibababaza, babiri mu bahungu ba Yakobo, Simeyoni na Lewi, basaza ba Dina, bafata inkota zabo binjira muri ca gisagara ata nkomanzi, bica abagabo bose, 26harimwo na Hamori na Shekemu umuhungu wiwe. Bose babicisha inkota, maze bakura Dina mu nzu kwa Shekemu baca barigira. 27Abandi bahungu ba Yakobo baraza baca mu mivyimba basahura ivyari muri ico gisagara vyose, kugira ngo bihore ibara ryakorewe mushiki wabo. 28Bafata intama, impene, inka n’indogoba vy’abantu b’i Sikemu; ivyo basanze mu gisagara n’ivyari mu gahinga, 29batwara ubutunzi bwabo bwose, abana babo n’abagore babo, n’ivyari mu nzu zabo vyose.
30Yakobo abwira Simeyoni na Lewi ati: “Munteje ivyago mu bantu bose baba muri iki gihugu! Kubera mwebwe, Abanyakanani n’Abaperizi bagiye kunyanka. Twebwe turi bake. Nibaja hamwe bakantera, bazonesha; umuryango wanje wose bawuherengeteze.”
31Baramwishura bati: “Ni kuki yafata mushiki wacu nka maraya?”
Currently Selected:
Itanguriro 34: BKC
Highlight
Share
Compare
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.