YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 17

17
Aburamu yitwa Aburahamu
1Aburamu amaze imyaka mirongo icenda n’icenda, Uhoraho aramwiyereka amubwira ati: “Ndi Imana Mushoboravyose; gendera imbere yanje mu bwizigirwa kandi ubeho ubuzima butagira umugayo. 2Nzogirana isezerano nawe kandi nzoguha uruvyaro runini.”
3Aburamu avyumvise yikubita hasi yubamye. Maze Imana aramubwira iti: 4“Iri ni ryo sezerano ngiranye nawe: nzokugira sekuruza w’amahanga menshi. 5Kandi kuva ubu ntuzosubira kwitwa Aburamu, uzokwitwa Aburahamu, kuko ndakugize sekuruza w’amahanga menshi. 6Nzoguha kurondoka cane. Uruvyaro rwawe ruzovamwo amahanga menshi, kandi muri bo hazovamwo abami. 7Nzokomeza isezerano hagati yawe nanje no hagati yanje n’uruvyaro rwawe ribe isezerano ridahera, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi. Nzoba Imana yawe n’Imana y’uruvyaro rwawe. 8Igihugu cose c’i Kanani, ico ubamwo ubu nk’umunyamahanga, nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe kibe icanyu bwegu ibihe vyose, kandi nzobabera Imana.”
Icerekana iryo isezerano
9Imana yongera ibwira Aburahamu iti: “Wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza iri sezerano, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi. 10Iri ni ryo sezerano ryanje wewe n’uruvyaro rwawe mubwirizwa kwubahiriza: umuhungu wese ategerezwa gukebwa. 11Mutegerezwa gukebwa, kandi ico kizoba ikimenyetso c’isezerano ngiranye namwe. 12Uko urunganwe ruzogenda rukurikira urundi, umuhungu wese atagerezwa gukebwa amaze imisi umunani avutse, utibagiye n’abagurano bazovukira mu rugo rwawe canke abo uzogura amahera mu banyamahanga, abazoba batari abo mu ruvyaro rwawe. 13Baba abavukiye mu rugo rwawe canke abo waguze amahera, bose bategerezwa gukebwa. Imibiri yanyu izogaragarako icerekana isezerano ryanje ridahera. 14Umuhungu wese atazokebwa, azocibwa mu bwoko bwiwe, kuko azoba atubahirije isezerano ryanje.”
Sarayi yitwa Sara
15Hanyuma Imana ibwira Aburahamu iti: “Sarayi umugore wawe ntuzosubire kumwita Sarayi, kuva ubu uzomwite Sara. 16Nzomuhezagira kandi nzoguha umuhungu nciye kuri we. Nzomuhezagira kandi azoba nyina w’amahanga; abami n’amahanga menshi bazokomoka kuri we.”
17Nuko Aburahamu yikubita hasi yubamye, aratwenga yivugana mu mutima ati: “Mbe umuntu w’imyaka ijana nkanje yoba akivyara umwana? Mbe Sara yoba akivyara umwana amaze imyaka mirongo icenda?” 18Maze Aburahamu abwira Imana ati: “Icompa Ishimayeli akagira umuhezagiro wawe!”
19Imana iravuga iti: “Oya, Sara umugore wawe azokuvyarira umwana w’umuhungu, uze umwite Isaka. Nzokomeza isezerano ryanje na we n’uruvyaro rwiwe, ribe isezerano ridahera. 20Ku bijanye na Ishimayeli, numvise ico wasavye: nzomuhezagira, nzomuha kurondoka cane, ntume uruvyaro rwiwe rugwira cane. Azoba sekuruza w’abakuru b’imiryango icumi na babiri, kandi uruvyaro rwiwe ruzoba ihanga rikomeye. 21Ariko isezerano ryanje nzorikomeza kuri Isaka, uwo Sara azokuvyarira igihe nk’iki mu mwaka uza.” 22Imana ihejeje kuvugana na Aburahamu ica ivana na we iragenda.
23Uwo musi nyene Aburahamu afata umuhungu wiwe Ishimayeli n’umugabo wese yaba mu rugo rwiwe, harimwo abahavukiye n’abo yaguze amahera, arabakeba nk’uko Imana yari yamubwiye. 24Aburahamu yari amaze imyaka mirongo icenda n’icenda igihe yakebwa. 25Ishimayeli, umuhungu wiwe, yari amaze imyaka icumi n’itatu igihe yakebwa. 26Aburahamu n’umuhungu wiwe Ishimayeli, uko ari babiri, bakebwe uwo umusi. 27Umuntu wese w’igitsina gabo yaba mu rugo rwa Aburahamu, yaba uwahavukiye canke uwaguzwe amahera mu banyamahanga, na we yakebwe uwo musi hamwe na we.

Currently Selected:

Itanguriro 17: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in