Itanguriro 13
13
Aburamu atandukana na Loti
1Nuko Aburamu ava muri Egiputa asubira i Negebu, ari kumwe n’umugore wiwe Sarayi, n’umuhungwabo Loti, n’ivyo bari batunze vyose. 2Ico gihe Aburamu yari afise ibitungwa vyinshi, n’ifeza n’inzahabu.
3Nuko ava ni Negebu, agenda aracumbika, ashika i Beteli, muri ca kibanza cari hagati ya Beteli na Hayi, aho yari yarashinze amahema ubwa mbere. 4Aho ni ho Aburamu yari yarubatse igicaniro, akahasengera Uhoraho.
5Loti, umwe yagumye agendana na Aburamu, na we yari afise ibitungwa bininibinini na bitobito hamwe n’amahema. 6Ariko aho hantu bari ntihashobora kubakwira bari kumwe, kuko ivyo bari batunze vyari vyinshi bituma badashobora kugumana. 7Nuko haduka impari hagati y’abungere b’imikuku ya Aburamu n’ab’imikuku ya Loti. Muri ico gihe, Abanyakanani n’Abaperizi ni bo baba muri ico gihugu.
8Aburamu abwira Loti ati: “Ntihakwiye kuba impari hagati y’abungere bawe n’abanje, kuko turi incuti. 9Igihugu cose kiri imbere yawe. Ndakwinginze tuvane. Niwahitamwo i bubamfu, ndaja i buryo; niwahitamwo i buryo, ndaja i bubamfu.”
10Nuko Loti yunamura amaso araba ikiyaya ca Yorodani yerekeye i Zowari. Ako karere karimwo inzuzi nyinshi, nk’itongo ry’Uhoraho canke nk’igihugu ciza ca Egiputa. Aho hari imbere y’uko Uhoraho arandura ibisagara vya Sodomu na Gomora. 11Maze Loti yihitiramwo ikiyaya cose ca Yorodani agenda atumbereye mu buseruko. Uko ni ko bavanye. 12Nuko Aburamu ahitamwo kuba mu gihugu c’i Kanani, Loti na we aja kuba mu bisagara vyo muri ca kiyaya, ashinga amahema yiwe hafi y’i Sodomu. 13Abantu b’i Sodomu bakora ibibi vyinshi kandi bacumura k’Uhoraho.
14Loti amaze kugenda, Uhoraho abwira Aburamu ati: “Unamura amaso yawe uhereye aha uri, urabe mu mihingo yose: mu buraruko, mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. 15Iki gihugu cose ubona nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe kibe icanyu ibihe vyose. 16Uruvyaro rwawe nzorugwiza nk’umukungugu wo kw’isi ku buryo ata muntu azoshobora kubaharura. 17Gendagenda mu gihugu cose, kuko ndakikugabiye.”
18Nuko Aburamu yimura amahema yiwe aja kuba i Heburoni hafi y’ibiti binini vya Mamure. Aho na ho ahubakira Uhoraho igicaniro.
Currently Selected:
Itanguriro 13: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™
Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc.
Vyakoreshejwe bitangiwe uruhusha.
Uburenganzira bwose kwʼisi yose ni ubwa Biblica.
Kirundi Contemporary Bible™
Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Videos for Itanguriro 13
Ep 37. Genesis 13: How Do Famine and Wealth Both Test Faith?
The Bible Show
Ep 41. Genesis 17: What Does the Covenant of Circumcision Really Mean?
The Bible Show
Ep 42. Genesis 18 Part 1: Abraham Fails Again, and Sarah Laughs at God
The Bible Show
Ep. 45 Genesis 19 Part 2: Can God Redeem Even the Worst Family History?
The Bible Show