YouVersion Logo
Search Icon

Amosi Intangamarara

Intangamarara
Amosi, umurimyi w’i Tekowa (1:1; 7:14-15), mu bwami bwa Yuda, yabaye umuvugizi w’Imana mu bwami bwo mu buraruko. Igikorwa ciwe yagikoze ku ngoma z’abami babiri: umwami w’Ubuyuda yitwa Uziya yatwaye hagati y’imyaka ya 792 na 740 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo, no ku ngoma ya Yerobowamu wa kabiri yatwaye ubwami bwa Isirayeli, hagati y’imyaka ya 793 na 753. Twovuga ata gukekeranya ko igikorwa ciwe cari gikomeye hagati y’imyaka ya 760 na 750 imbere y’ivuka rya Yesu Kristo, igihe ubwami bwa Isirayeli bwari buteye imbere cane mu vy’ubutunzi.
Muri ico gihe, ubwami bwa Ashuri bwari bwamaze inkomezi ubwa Siriya; ubu na bwo bukaba bwahana urubibe n’ubwa Isirayeli kandi bukaba bwari bubangamiye umutekano wa Isirayeli. Ico gihe ubwami bwa Siriya bwari bufise umutekano muke kubera imivurungano yaburangwamwo. Ivyo vyatumye umwami Yerobowamu wa kabiri, ashobora gusubira kwigarurira intara zo mu buraruko bwa Isirayeli zari zaranyazwe na Siriya (2 Abami 14:25). Kubera bari batekaniwe mu vya politike, ako kagwi kari ku butegetsi kaciye kaboneraho kugwiza amatungo n’amatongo, kabaho kamerewe neza kandi kinezereza, kirekurira mu bihimbaro vyinshi (6:4-6), kakagumana icivugo kivuga ngo: “Uhoraho ari kumwe natwe” (5:14; 5:18). Iryo terambere rya bamwe ntiryijanye gutyo gusa ritazaniye abandi bantu imibabaro: kunyaga abantu ivyabo, gutanga ibiturire mu bucamanza, kuba ingunge mu rudandazwa (5:11; 8:5), gukoresha nabi abakene no kubahindura abaja (8:6). Mbere n’ivyerekeye ugusenga bica bitera bisubira inyuma. Ku gicaniro Yerobowamu wa mbere yashinze i Beteli (1 Abami 12:26-33), ugusenga kwaho kwari gusigaye ari gupfa guheza ibwirizwa hakabonekamwo uburyarya, hanyuma bashiramwo n’imigenzo y’ubusambanyi iva mu Banyakanani (3:14; 4:4-5; 5:22). Ni co gituma Amosi yaciye aja aho hantu batangira ibimazi ho mu bwami bwo mu buraruko, kandi akaba ari na ho umwami yaba, kugira ngo abashikirize ubwo butumwa (7:10-13).
Ubuhanuzi bwa Amosi bwari buhagaze canecane ku ngeso nziza n’umubano mwiza, buri mu bice bitatu. Igitabu gitangurwa n’amajambo magufi abwirwa ayandi amahanga atari Abisirayeli (1; 2) yose agatangurwa n’ijambo rimwe (1:3; 1:6, n’ibindi). Mu buryo bwumvikana, Yuda na Isirayeli biharurwa mu bihugu vyari vyaciriwe urubanza (2:4; 2:6): kuko ivyiza biva ku kuba baratoranijwe n’Uhoraho, ntivyabaha uburenganzira bwo kwirengagiza ubutungane Imana itegeka amahanga yose (3:1-2; 9:7-8).
Mu gice co hagati muri ubwo buvugishwa (3; 6), Amosi aguma yiyamiriza ubudahengeshanya kandi ashimitse ukwononekara kw’imibano, ukwa politike hamwe n’ukwo gusenga vya Isirayeli. Aguma ashira ahabona ingene abantu badashobora kwigira kuri kahise (4:6-11) yongera amenyesha ko bageramiwe no kuzogesezwa (3:11; 5:1-3; 6:7). Mu kuvuga ko urubanza ruje, umuvugishwa aguma acira urubanza ibintu bitari vyo Abisirayeli bashizeko umutima nk’aho ari vyo bibazanira umutekano (5:18; 6:14), na canecane ivyerekeye ugusenga n’imisi mikuru bijanye hamwe n’ibimazi (5:18-27). Icatuma Imana yanka ivyo bimazi, naho abantu bose batabibona kumwe, canecane kwari ukwanka ibikorwa vy’imigenzo mu gusenga gusa, ariko bidaherekejwe no kwiyegurira Imana kw’uwo muntu, nk’uko vyabaye mu gihe bariko barava muri Egiputa, kuko batanga ibimazi k’Uhoraho mugabo ibigirwamana vyabo bakabigumya mu mitima (5:25-26; Kuvayo 32; Guharura 14:3-4). Setefano ni uwo murongo yavuze igihe yariko yerekana ingene muri Isirayeli abakuru b’idini b’ico gihe bari impumyi, ariko kandi bakumva bashimishwa n’ibikorwa vyo gusenga bibera mu Ngoro (Ivyakozwe 7:42-43; Ivyakozwe 7:51).
Igitabu kirangizwa n’ibintu vyinshi yeretswe; bivuga ibihano vyari bigiye gushika, hamwe rero n’ugutabarwa kuzoca kubikurikira (7; 9). Uhoraho azonagura ubwami bwa Dawidi. Azosubiza hamwe ihanga, na ryo rizoganza isi yose (9:11-12). Yakobo na we yavuze ko ubwo buvugishwa bushitse, igihe haba inama ya mbere y’i Yerusalemu aho bariko biga ikibazo c’ingene Abanyamahanga bakijijwe binjira mu bwoko bw’Imana (Ivyakozwe 15:14-18).

Currently Selected:

Amosi Intangamarara: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in