6
Baragowe abidibamiye
1Muragowe mwebwe abidibamiye i Siyoni,
na mwebwe mwumva mutekaniwe ku musozi w’i Samariya,
mwebwe abaganwa b’ihanga riruta ayandi,
mwebwe abo Abisirayeli baja kwitura!
2Nimugende mwirabire i Kalune;
muvuyeyo muje i Hamati-Raba igisagara gihambaye,
hanyuma mumanuke i Gati mu Bafilisitiya.
Mbega ivyo bisagara hari ico birusha ubwami bwanyu uko ari bubiri?
Mbega igihugu cabo kiraruta icanyu?
3Mwanka kwemera ko umusi w’ivyago ushitse
ariko ibikorwa vyanyu bituma umusi w’urubanza ubegera kurusha.
4Muryama ku buriri busharijwe n’amahembe y’inzovu
mukiseguza imisego myiza.
Mukirira inyama zoroshe z’imyagazi y’intama
n’inka zinuze.
5Mwigenera indirimbo nka Dawidi
mukazicuraranga ku nanga zanyu.
6Munywera umuvinyu mu bikombe bisesekaye
mukisiga ibimota neza, bihinguwe rwose,
ariko ntimubabazwa n’umusaka wa Yosefu.
7Ni co gituma muzoba mu ba mbere mu bazojanwa ari inyagano;
imisi mikuru yanyu n’ukwinezereza kwanyu bizoshira.
Uko Uhoraho yanka ubwibone bwa Isirayeli
8 Uhoraho Nyeninganji ararahiye, Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze ati:
“Ndanka ubwibone bwa Yakobo
kandi nanka n’ingoro ziwe zikomeye;
nzotanga iki gisagara
n’ibiri muri co vyose.”
9Abantu cumi nibasigara mu nzu imwe, na bo nyene bazopfa. 10Kandi incuti yabo izoza gusohora imivyimba ngo ituririrwe hanze izobaza uwuzoba yinyegeje ngaho iti: “Mbega hari uwundi muri kumwe?” Maze na we azomwishura agomba kurahira izina ry’Imana ati: “Oya na mba!” Azoca amwamira amubwire ati: “Reka, si umwanya wo gucisha mu kanwa izina ry’Uhoraho.”
11Kuko Uhoraho yabitegetse,
kandi azosangangura inzu nini ayigire ubunywenywe,
n’inzu ntoya ayigire nk’utuvunguka.
12Mbega ifarasi iriruka ku rutare?
Hari uwurimisha inka ku kiyaga?
Ariko mwahinduye ubutungane ubumara
n’icamwa co kugororoka mwagihinduye umururazi,
13yemwe abanezerezwa n’uko i Lo Debari hafashwe
mukavuga muti: “Mbega ntitwafatishije i Karunayimu inkomezi zacu?”
14Kuko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze ati:
“Nzohagurutsa ihanga rizoza kugutera, yewe Isirayeli,
kandi rizokubabaza urugendo rwose
kuva i Lebo-Hamati gushika mu kiyaya c’i Araba.”