YouVersion Logo
Search Icon

Amosi 5

5
Gucura intimba no guhamagara abantu ngo bihane
1Umviriza iri jambo, yewe Isirayeli, iyi ndirimbo yo gucura intimba yerekeye wewe:
2“Umukobwa ari we Isirayeli aratemvye,
ntazosubira kuvyuka,
bamuhebeye mu gihugu ciwe,
kandi nta muntu n’umwe wo kumuvyura.”
3Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Isirayeli:
“Igisagara cawe cahora kirungika ingabo z’abahizi igihumbi
kizosigarana ijana gusa;
igisagara cawe cahora kirungika ingabo z’abahizi ijana
kizosigarana icumi gusa.”
4Uku ni ko Uhoraho abwira Abisirayeli:
“Nimundondere kugira ngo mubone kubaho;
5ntimuronderere i Beteli,
ntimuje n’i Gilugali,
ntimufate urugendo muja i Berisheba.
Kuko i Gilugali bazojanwa ari inyagano mu mahanga,
kandi n’i Beteli hazohindurwa hasigare ari ubusa.”
6Nimurondere Uhoraho kugira ngo mubeho,
atari uko, azotongora imiryango ya Yosefu nk’umuriro;
umuriro uzobarigata,
kandi i Beteli ntihazoboneka n’umwe wo kuwuzimya.
7Hari abahindura ubutungane umururazi
bagaterera hasi ubugororotsi.
8Uwaremye inyenyeri, Peleyiyade na Oriyoni,
agahindura umwijima ukaba umutwenzi
kandi agatuma umurango uhinduka ijoro,
uwuhamagara amazi yo mu kiyaga
akayasuka kw’isi,
Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
9Mu kubanguka nk’umuravyo arandura umunyenkomezi
igisagara gikomeye akagihindura umusaka.
10Hari abanka uwushigikira ubutungane mu manza,
bakanka n’uwuvugisha ukuri.
11Mucinyiza abakene
mukabaka itagisi ku ngano.
Ni co gituma, naho mwubatse inzu z’amabuye,
mutazozibamwo;
naho mwarimye imizabibu myiza,
mutazonywa umuvinyu wazo.
12Kuko nzi ko ivyaha vyanyu ari vyinshi
n’ibicumuro vyanyu bikaba ibihambaye.
Hari abacinyiza abatagira icaha hanyuma bakarya ibiturire,
bakarenganya abakene mu manza.
13Ni co gituma umunyabwenge yinumira mu bihe nk’ibi,
kuko ari ibihe bibi.
14Nimurondere ivyiza, aho kurondera ibibi,
kugira ngo mubeho.
Maze Uhoraho Imana Mushoboravyose azobana namwe,
nk’uko mubivuga ko abana namwe.
15Nimwanke ibibi, mukunde ivyiza;
muce imanza zibereye mu bucamanza.
Kumbure Uhoraho Imana Mushoboravyose yogirira imbabazi
amasigarira y’aba Yosefu.
16Nuko rero, uku ni ko Uhoraho, Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze:
“Bazoborogera mu mabarabara yose,
bavuze induru kubera umubabaro mw’ihuriro ryose ry’abantu.
Abarimyi bazohamagarirwa kurira,
n’abagandaye ngo baboroge.
17Hazoba amaborogo mu mizabibu yose,
kuko nzoca hagati muri mwebwe,”
ni ko Uhoraho avuze.
Umusi w’Uhoraho
18Muragowe mwebwe mwipfuza
umusi w’Uhoraho ko woshika!
Mbega ni kuki mwipfuza umusi w’Uhoraho?
Uwo musi uzoba uw’umwijima, ntuzoba uw’umuco.
19Bizoba nk’uko umuntu yoba ahunze intambwe,
maze agaca ahura n’idubu,
nk’aho yoba yinjiye mu nzu iwe,
akishimikiza igihome,
maze inzoka igaca imukomora.
20Mbega umusi w’Uhoraho ntuzoba uw’umwijima, aho kuba uw’umuco;
umusi w’umwijima w’umuzitanya, utagiramwo umuco na mukeya?
21“Ndanka urunuka, nkongera ngasesemwa n’imisi mikuru yanyu;
amakoraniro yanyu y’uburyarya sinzovyihanganira.
22Naho mwotanga ibimazi vyo guturirwa n’umuriro n’amashikanwa y’ifu,
sinzovyakira.
Naho mwozana ibimazi vy’ishimwe vy’indobanurwa,
sinzobinezererwa.
23Nimujane kure urwo rwamo rw’indirimbo zanyu!
Sinzokwumviriza inanga zanyu.
24Ariko nimureke imanza zibereye zitembe nk’uruzi,
ukugororoka kumere nk’umugezi udakama!
25Hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye
mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa,
yemwe Bisirayeli?
26Mwareruye ibigirwamana mwibumbiye,
kimwe ca Sakuti, mwita umwami wanyu n’imana yanyu,
n’ica Kewani,
inyenyeri yanyu n’imana yanyu.
27Ni co gituma nzobirukana muhungire hirya ya Damasiko,”
ni ko Uhoraho avuze, izina ryiwe ni Imana Mushoboravyose.

Currently Selected:

Amosi 5: BKC

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in